TITO 3

1Ubibutse kugamburukira abakuru n'abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose, 2no kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza no kwengenga, berekana ubugwaneza bwose ku bantu bose. 3Kuko natwe nyene kera twari ibipfu, turi intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n'ukwinezereza vy'uburyo bwinshi, twama tugira urwanko n'igono, turi abo kwankwa natwe twankana. 4Ariko ineza y'Imana Umukiza wacu n'urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka, 5iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, ikurikije ubwinshi bw'imbabazi zayo, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubwa kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera, 6uwo yaducuncuburiyeko kubwa Yesu Kristo Umukiza wacu, 7kugira ngo tugirwe intungane n'ubuntu bwayo, duce tuba abaragwa b'ubugingo budashira, nk'uko tuvyizigiye. 8Iryo jambo ni iryo kwizerwa, ndagomba yuko utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngo abizeye Imana bagire umwete wo gushishikara gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu. 9Ariko, impari z'ubupfu no kudondora ivyo amamuko yabo n'imitongano no guharira ivyo mu vyagezwe, wame ubizibukira, kuko bitagira ikimazi kandi ari ivyo ubusa. 10Uwuzana ibice ni wamara kumuhanura ubwa mbere n'ubwa kabiri akanka, ntukamwemere, 11kuko uzi yuko uwumeze atyo agoramye kandi akora ivyaha, yitsindisha. 12Ni nagutumako Arutema canke Tukiko, uzogire umwete wo kunsanga i Nikopoli; kuko ari ho nagabiye kuzomara agatasi. 13Witwaririke guherekeza no gusezera neza Zena umuhinga w'ivyagezwe, na Apolo, kugira ngo ntihazogire ico babura. 14Kandi abacu na bo ni bige gushishikara gukora ibikorwa vyiza ngo babone kumara ubukene ababikwiye rwose, kugira ngo abacu ntibabure ico bamarira abandi. 15Abo turi kumwe bose baragutasha. Untahirize abadukunda dusangiye ukwizera. Ubuntu bubane namwe mwese.

will be added

X\