TITO 2

1Ariko weho uvuge ibihwanye na kwa kwigisha kuzima. 2Bwira abatama ntibarenze urugero, babe inyankamugayo, badasaragurika, bagire kwizera kuzima no mu rukundo no mu kwihangana. 3N'abatamakazi nyene, ubabwire bagende nk'uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima n'umuvinyu mwinshi, bigisha ivyiza, 4kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubwenge bwo gukunda abagabo babo n'abana babo, 5no kudasaragurika, no kwirinda ubweruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngo ijambo ry'Imana ntiritukwe. 6N'imisore ni uko ubahanure ntibasaragurike; 7nawe ubwawe wiyerekane muri vyose nk'ikigereranyo c'ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo, 8ugire n'ijambo rizima ritogawa, kugira ngo umuntu ari mu ruhande rw' abansi amaramare, abuze ikibi yotuvuga. 9Hanura abakozi bagororokere ba shebuja, babahimbare muri vyose, ata guharira, 10badakorakora, ariko berekane ukuyoboka kwiza kwose, kugira ngo muri vyose basharize ivyigishwa vy'Imana, Umukiza wacu. 11Kuko ubuntu bw'Imana bwaserutse, buzanira abantu bose agakiza, 12butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n'ukwifuza ivyo isi, bukatwigisha kwama tudasaragurika, tugororoka, twubaha Imana, muri kino gihe, 13twitega ivyizigiro vy'amahirwe no kuzoseruka kw'ubwiza bwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n'Umukiza, 14yatwiguze kugira ngo aducungure, adukureko ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubwoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry'ibikorwa vyiza. 15Wame uvuga ivyo, ubahanura, ubahana, nk'uwufise ububasha rwose. Ntihakagire uwugukengera.

will be added

X\