TITO 1

1Jewe Pahulo, umushumba w'Imana, intumwa ya Yesu Kristo, ndabiherewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivyo ukuri gufatanije n'ukwubaha Imana. 2Nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubwo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho. 3Ariko mu bihe yitoranirije yerekanishije ijambo ryayo ubutumwa najejwe, nk'uko Imana Umukiza wacu yageze. 4Ndakwandikiye Tito, umwana wanje nyakuri kubwo ukwizera dusangiye. Ubuntu n'amahoro bikubeko biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu. 5Icatumye ndagusiga i Kirete kwari ukugira ngo utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ngo uhashinge abakuru b'ishengero, nk'uko nabikubariye. 6Abe umuntu atabonekako umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa ko ari ibihumbu canke itagonda. 7Kuko umuzezwashengero akwiye kutabako umugayo, nk'umukuru w'abakozi bo mu rugo w'Imana nyene; kandi ntakwiye kuba uwudakurwa kw'ijambo, ushangashirwa, umunywi w'umuvinyu, umusinzi canke uwunohokera inyungu mbi. 8Ariko abe uwukunda gutanga indaro, akunda ivyiza, yitonda, agororoka, yera, yirinda, 9agumya ijambo ryo kwizerwa rihura n'ukwigisha kwacu, kugira ngo abone guhanura abantu mu kwigisha kuzima no gutsinda abamuhaririza. 10Kuko hariho benshi b'intagondwa, canecane n'abo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo, bavuga ibitagira ikimazi, n'inyosha mbi. 11Bakwiye kuzibwa iminwa, kuko hari imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubwo inyungu mbi. 12Umwe muri bo w'umuvugishwa wabo yaravuze ati: "Na ntaryo Abanyakirete, ababeshi, ibikoko bibi n'abanebwe b'abakunzi b'inda." 13Iyo ntahe yashinze ni iyo ukuri. Ni co gituma ukwiye kubahana cane, kugira ngo babe abahangaye mu kwizera, 14ntibashire imitima ku migani y'ibinyoma y'Abayuda no ku vyagezwe vy'abantu batera ibitugu ukuri. 15Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, ariko ubwenge bwabo n'imitima ibagiriza vyaranduye. 16Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n'abo kwankwa urunuka, n'abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.

will be added

X\