ABAROMA 8

1Nuko rero noneho abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda. 2kuko ikingera ca Mpwemu w'ubugingo bwo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n'icangera c'icaha n'ico urupfu. 3Ico ivyagezwe bitashoboye gukora kuko bifise intege nke ku bwo akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y'umubiri w'icaha, kuba ikimazi c'icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri, 4kugira ngo ivyo ivyagezwe bibwiriza bishikanwe muri twebwe, tutagenda mu buryo bw' akameremere kacu, ariko tugenda mu bwa Mpwemu w' Imana; 5kuko abaganzwa n'akameremere k'umubiri bitwaririka ivyo umubiri, kandi abaganzwa n'impwemu bitwaririka ivyo impwemu. 6Kwitwaririka ivyo umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivyo impwemu kuzana ubugingo n'amahoro. 7Kuko kwitwaririka ivyo umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n'Imana, kandi kudashobora kuvyumvira; 8Kandi abaganzwa n'akameremere k'umubiri ntibashobora guhimbara Imana. 9Ariko mweho ntimuganzwa n'akameremere k'umubiri, ariko muganzwa n'impwemu, bisanzwe Mpwemu w'Imana mubana. ariko iyo umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ari uwiwe. 10Bisanzwe Kristo ari muri mwebwe, umubiri uba upfuye ku bwo icaha, ariko impwemu ni nzima ku bwo kugororoka. 11Ariko bisanzwe Mpwemu w' Iyazuye Yesu imukuye mu bapfuye mubana, Iyazuye Kristo Yesu imukuye mu bapfuye izozura n'imibiri yanyu ipfa, kubwa Mpwemu wayo mubana. 12None rero, bavukanyi, turi n'umwenda, atari uwo akameremere kacu, ngo twitondere ivyako. 13Kuko namba mwitondera ivyo akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa; ariko ni mwica ivyo umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho. 14Abarongorwa na Mpwemu w'Imana bose ni bo bana b'Imana. 15Kuko mutahawe impwemu y'ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwahawe impwemu yo kubahindura abana b'Imana, ni yo ituma dutakamba tuti: "Abba" 16Mpwemu ubwiwe abwiririkanya n'impwemu yacu, ari icabona, yuko turi abana b'Imana. 17Ariko ko turi abana bayo, turi abaragwa; turi abaragwa b'Imana, turi abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhanwa ubwiza na we. 18Niyumvira yuko imibabaro y'iki gihe idakwiye kugereranywa n'ubwiza tuzohishurirwa. 19Kuko ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw'abana b'Imana biguhahamiye cane. 20Kuko ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n'ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, ariko vyagizwe n'Iyageze ko biganzwa bityo, 21kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibihumbwa vyo kubora, bizohabwa ukwidegemvya, gufatana n'ubwiza bw'abana b' Imana. 22Kuko tuzi yuko ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n'ubu. 23Kandi si co gusa, ariko natwe abafise ku vyeze ubwa mbere vya Mpwemu, natwe nyene tunihira mu mitima yacu, twiteze gucika abana b'Imana, ni kwo gucungurwa kw'imibiri yacu. 24Kuko twakijijwe mu buryo bwo kugira ico twiteze; ariko icari citezwe iyo kibonetse ntikiba kicitegwa. Ico umuntu abonye, yoba akicitega ate? 25Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorera twihangana. 26Ni ko na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu; kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubwiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa; 27ariko Iyisesa imitima irazi ivyo Mpwemu yiyumvira, kuko uko Imana igomba ari ko Mpwemu asengera abera. 28Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk'uko yabigabiye. 29Kuko abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n'ishusho y'Umwana wayo, kugira ngo abe imfura mu bana ba Se benshi. 30Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabagize abera; abo yagize abera, yabahaye ubwiza. 31Ko bimeze bityo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde? 32Iyitimanye Umwana wayo, ikamutanga kubwacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we? 33Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Mbega ni Imana, kandi ari yo ibahindura intungane? 34Ni nde azobagira abera? Mbega ni Kristo Yesu, kandi ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ari i buryo bw'Imana, bitayeko aradusengera. 35Ni nde azodutandukanya n'urukundo rwa Kristo? Mbega ni amarushwa, ni ivyago, ni uguhamwa, ni inzara, ni ukwambara ubusa, ni ukuba mw'irinde, canke ni inkota? 36Nk'uko handitswe, ngo Twirirwa twicwa, bakuduhora, Twagereranijwe n'intama z'imbagwa. 37Ariko muri ivyo vyose turushaho gutsindirwa n'uwadukunze. 38Kuko menye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, ubugingo, abamarayika, abaganza, ibiriho, ibizoba, abafise ubushobozi, 39uburebure bw' amaja ruguru, uburebure bw' amajepfo canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n'urukundo rw'Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.

will be added

X\