ABAROMA 7

1Canke ga bavukanyi, ntimuzi yuko ivyagezwe biganza umuntu akiriho? mbwiye abazi ivyagezwe. 2Kuko ivyagezwe bihambirira umugore ku mugabo wiwe, akiriho; ariko umugabo wiwe iyo apfuye, umugore aba abohowe ngo ntaganzwe na we. 3None rero, umugabo wiwe akiriho, yokurongorwa n'uwundi mugabo, yokwitwa umusambanyikazi: ariko umugabo wiwe iyo apfuye, ntaba akiganzwa n'ivyagezwe, bituma atoba umusambanyikazi, naho yokurongorwa n'uwundi mugabo. " 4None rero namwe, bavukanyi banje, gukoranywa n'umubiri wa Kristo kwatumye mucika abapfuye ku vyagezwe, kugira ngo mube abo uwundi, ni we yazutse mu bapfuye, twamire Imana imbuto. 5Tukiganzwa n'akameremere kacu, ukwifuza kw'ivyaha kw'uburyo bwinshi kwazanywe n'ivyagezwe kwakorera mu mibiri yacu, kugira ngo twamire urupfu imbuto. 6Ariko noneho ntitukiganzwa n'ivyagezwe, kuko twapfuye ku camye kidufashe, ni co gituma tuba abakozi, dukorera Mpwemu adukoresha uburyo busha, tudakoreshwa bwa buryo bwa kera bw'inyuguti. 7Nuko tuvuge iki? Mbega ivyagezwe ni icaha? Eka na mba. Ariko simba naramenye icaha, iyo ntakimenyeshwa n'ivyagezwe; kuko ntaba naramenye ukwifuza, iyo ivyagezwe bitavuga " ngo Ntukifuze. 8Ariko, icaha kibonye urwitwazo mu vyagezwe, kinkoreramwo ukwifuza kw'uburyo bwose; kuko icaha kiba gipfuye, ivyagezwe bitariho. 9Nanje kera nariho, ntafise ivyagezwe. Maze icagezwe kije, icaha kirarabuka, nanje ndapfa; 10kandi ico cagezwe co kuzana ubugingo nakibona kinzanira urupfu. 11Kuko icaha campendahenze, kibonye urwitwazo mu cagezwe, kandi kigitera kunyica. 12None rero ivyagezwe ni ivyera, kandi ibwirizwa ni iryera, rigororotse, ryiza. 13Mbega iciza cambereye urupfu? Eka na mba! ariko icaha ni co carubaye, ngo kimenyekane ko ari icaha, kuko canyicishije iciza, ngo icagezwe gitume icaha kirushiriza kuba kibi. 14Kuko tuzi yuko ivyagezwe ari ivyo impwemu; ariko jewe nganzwa n'akameremere kanje, naguriwe kuba umushumba w'icaha. 15Sinzi ico nkora; kuko ico ngomba atari co nkora, ariko ico nanka akaba ari co nkora. 16Ariko ko nkora ico ntagomba, mba nemeye ivyagezwe ko ari vyiza. 17None rero si jewe nkibikora, ariko ni icaha kimbamwo. 18Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo; kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo; 19kuko iciza ngomba atari co nkora, ariko ikibi ntagomba akaba ari co nkora. 20Ariko ko nkora ico ntagomba, si jewe nkigikora, ariko ni icaha kimbamwo. 21Ni ko mbona ikingera, yuko naho ngomba gukora iciza, ikibi kibana nanje. 22Nezererwa ivyagezwe n'Imana mu mutima wanje, 23ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n'ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c'icaha. 24Ewe jewe ndagowe! Ni nde yonkiza umubiri untera uru rupfu? 25Imana ishimwe, kubwa Yesu Kristo Umwami wacu. Nuko jewe mu mutima wanje njakariye ivyagezwe n'Imana, ariko mu kameremere njakariye ikingera c'icaha.

will be added

X\