ABAROMA 6

1Nuko tuvuge iki? Mbega twame dukora ivyaha kugira ngo ubuntu bw'Imana bugwire? 2Biragahera. Twebwe twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute? 3Canke ntimuzi yuko twese ababatirijwe kuba muri Kristo Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe? 4None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk'uko Kristo yazuwe mu bapfuye n'ubwiza bwa Data wa twese, kube ari ko natwe tugendana ubugingo busha. 5Ko twakoranijwe na we n'igishushanyo c'urupfu rwiwe, tuzokoranywa na we n'ico ukuzuka kwiwe na co. 6Kandi tumenye iki, yuko umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ngo umubiri w'icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha: 7kuko uwapfuye aba atsindanishirijwe icaha. 8Ariko bisanzwe twapfanye na Kristo, twizera yuko tuzobanaho na we; 9kuko tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza. 10Ukwo gupfa yapfuye, ni ho yapfuye rimwe ku caha; ariko ko ariho, ariho ari uwo Imana. 11Mube ari ko namwe mwiyumvira ko mwapfuye ku caha, ariko ko muriho muri abo Imana, muri muri Kristo Yesu. 12None rero icaha ntikikabe ku butware mu mibiri yanyu izopfa, ngo mwumvire ivyo yifuza. 13Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngo ikoreshwe n'ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk'abazuke bavuye mu bapfuye, n'imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngo ikoreshwe no kugororoka. 14Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n'ivyagezwe, ariko muganzwa n'ubuntu. 15Nuko tugire dute? Mbega dukore ivyaha, kuko tutaganzwa n'ivyagezwe, ariko tuganzwa n'ubuntu? Biragahera. 16Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abakozi bo kumwumvira, muri abakozi b'uwo mwumvira uwo? Namba muri abakozi b'icaha kizana urupfu, canke abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka. 17Ariko, Imana ishimwe yuko naho mwari abakozi b'icaha, mwumviye mu mitima uburyo bwo kwigishwa mwahawe: 18kandi mwacunguwe ngo ntimuganzwe n'icaha, mujakarira ukugororoka. 19Ndabivuze nk'imvugo y'abantu, ku bwo intege nke z'imibiri yanyu. Nk'uko mwaha imibiri yanyu ibiteye isoni n'umugararizo, kuba abakozi bavyo, bigatuma muba abagarariji, abe ari ko na none muha ukugororoka imibiri yanyu, kuba abakozi bakwo, kugira ngo mwezwe. 20Mukiri abakozi b'icaha, ntimwaganzwa n'ukugororoka. 21None rero ico gihe mwari n'imbuto ki mu bibamaramaza ubu? kuko amaherezo yavyo ari urupfu. 22Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n'icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kandi amaherezo ni ubugingo budashira. 23Ingero y'icaha n'urupfu ariko ingabire y'Imana ni ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.

will be added

X\