ABAROMA 3

1None Umuyuda aruta abandi ate? Canke guhimburwa igikoba c'ubugabo kumara iki? 2Arabibarusha vyose. Ica mbere, ni uko Abayuda babikijwe ivyavuzwe n'Imana. 3Tuvuge iki? Naho bamwe batizeye, mbega kutizera kwabo kuzohindura ubusa ivyo Imana yizigiweko? 4Oya namba. Ariko Imana iboneke ko ari inyakuri, n'iyo umuntu wese yoba ari umubeshi; nk'uko handitswe, ngo Kugira ngo mu majambo yawe uboneke ko ugororotse, Kandi utsinde ni washika mu rubanza. " 5Ariko namba ukugabitanya kwacu kwashimagije ukugororoka kw' Imana, tuvuge iki? Mbega Imana iragabitanya, kuko iduhanisha ishavu ryayo? Ndabivuze nk'imvugo y'abantu. 6Eka na mba! Iyo biba bityo, Imana yociriye abari mw'isi urubanza ite? 7Ariko namba ibinyoma vyanje vyatumye ukuri kw'Imana kurushiriza kwerekanwa, bikayitera icubahiro, ni igiki gituma nanje ncirwa urubanza nk'umunyavyaha? 8Kandi ni igiki kitubuza gukora ibibi kugira ngo ivyiza bibeho? (nk'uko batubeshera bakanavuga ko twigisha ibibi). Abakora batyo bazocirwa urubanza bakwiranye. 9Nuko tuvuge iki? Mbega turuta abandi? Oya, ntitubaruta na gatoya, kuko tumaze kwagiriza Abayuda n'Abagiriki bose ko baganzwa n'icaha; 10nk'uko handitswe," ngo Nta wugororoka, nta n'umwe, 11Nta wutahura, Nta wurondera Imana. 12Barazimiye iyo bava bakagera, bose bacitse imburakimazi, Nta wukora ivyiza, eka nta n'umwe. 13Imihogo yabo n'imva zirangaye, Bahendahendanishije indimi zabo; Ubumara bw'inzoka buri mu binyigishi vyabo. 14Akanwa kabo kuzuye ukuvuma no kujingitwa, 15Ibirenge vyabo vyihutira kuvisha amaraso. 16Guhonya n'ugusinzikaza biri mu nzira zabo, 17Inzira y'amahoro ntibayimenye; 18Nta gutinya Imana kuri mu maso yabo. 19Ariko turazi yuko ivyo ivyagezwe bivuga vyose bibibwira abaganzwa na vyo, kugira ngo akanwa kose kazibwe, kandi abari mw'isi bose babe abo gutsindwa n'urubanza imbere y'Imana; 20kuko imbere yayo ata muntu azoba umwere kubwo ibikorwa vyubahiriza ivyagezwe, kuko ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha. 21Ariko noneho ivyagezwe bitariho, ukugororoka kuva ku Mana kurahishuwe, gushingirwa intahe n'ivyagezwe n'ivyo abavugishwa n'Imana, 22ni ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngo abizeye bose baguhabwe. Kuko ata tandukaniro; 23bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw'Imana. 24Ubuntu bwayo bubagira abera, ibibahereye ubusa, ku bwo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu. 25Uwo Imana yashizeho kuba indishi y'uwizera, ayigirwa n'amaraso yiwe, kugira ngo Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera ku bwo imbabazi zayo; 26no kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo muri iki gihe, ngo ibe Iyigororoka n'Iyigira abantu abera uwizeye Yesu. 27None rero ukwihaya kuri hehe? Kwarabujijwe. Kwabujijwe n'ivyagezwe ki? Mbega ni ivyo ibikorwa? Haba na mba; kwabujijwe n'ivyo ukwizera. 28Ni co gituma twiyumvira yuko umuntu agirwa umwere n'ukwizera, ibikorwa vyubahiriza ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa. 29Canke Imana ni iyo Abayuda bonyene? Mbega si iyo abanyamahanga na bo? Ego me, ni iyo abanyamahanga na bo. 30Ko Imana ari imwe, izobagira abere abahimbuwe igikoba c'ubugabo ku bwo ukwizera, kandi izobagira abere batahimbuwe igikoba c'ubugabo babiheshwa n'ukwizera. 31Mbega none ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka na mba; ushime turabitsindagiye.

will be added

X\