ABAROMA 16

1Ndabashimiye Foyibe muvukanyi, ni we mukozi w'ishengero ry'i Kenkireya, 2ngo mumwakire ku bwo Umwami wacu, nk'uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c'azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo nanje. 3Muntahirize Purisikila na Akwila abakoranye nanje muri Kristo Yesu, 4kandi bahevye imitwe yabo ngo icibwe kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene ndabashima, ariko n'amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima. 5Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yatanguriye abo muri Asiya babaye aba Kristo. 6Muntahirize Mariya yabakoreye cane. 7Muntahirize Andironiko na Yuniya, dusangiye umuryango, ababohanywe nanje, ni ba rurangiranwa mu ntumwa, ni bo bantanze kuba muri Kristo. 8Muntahirize Ampuliyato, uwo nkunda mu Mwami wacu. 9Muntahirize Urubano, dukorana muri Kristo, na Sitaku, uwo nkunda. 10Muntahirize Apele yagejejwe akarama muri Kristo. Muntahirize abo mu bo kwa Arisitobulo. 11Muntahirize Herodiyoni dusangiye umuryango. Muntahirize abo mu bo kwa Narukiso, abari mu Mwami wacu. 12Muntahirize Tirufayina na Tirufosa, bakorera mu Mwami wacu. Muntahirize Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane. 13Muntahirize Rufo, yatoranijwe n'Umwami, na nyina ni nka mama. 14Muntahirize Asunkirito, Fulegoni, Herume, Patiroba, Heruma n'abavukanyi bari kumwe na bo. 15Muntahirize Filologo na Yuliya, na Nereyu na mushiki we, na Olumpa n'abera bose bari kumwe na bo. 16Muramukanishe kugumbirana kwera. Amashengero ya Kristo yose arabaganutsa. 17Ariko bavukanyi, ndabinginga kwitegereza abazana ivyo gutandukanya n'ibitsitaza, bidahura n'ivyo mwize, mubazibukire. 18Kuko abameze batyo, batajakariye Umwami wacu Kristo, ariko bajakariye inda zabo, kandi bohesha imitima y'aberanda amajambo meza n'ivyo kubanezereza. 19Igitumye ndababwira ivyo, ni uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose. Ni co gitumye ndabanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabwenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi. 20Imana nyene amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y'ibirenge vyanyu. Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe. 21Timoteyo, dukorana, arabaganutsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango. 22Nanje Terutiyo, nanditse iki cete, ndabaganutsa mu Mwami wacu. " 23Gayo arabaganutsa, ni we yampaye indaro, kandi yakiriye n'abo mw'ishengero bose. Erasito, aganza ivyo ikori ry'iki gisagara, na Kwaruto umuvukanyi wacu, barabaganutsa. [ 24Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese. Amina. ] 25Imana ishobora kubakomeza, nk'uko ubutumwa bwiza nahawe n'ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihura no guhishurwa kw'ibanga ryahozwe uhereye kera hose, 26ariko muri iki gihe riraserutse, kandi ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana birimenyesheje amahanga yose, nk'uko Imana ihoraho yageze, kugira ngo bumvire Imana babiheshwa no kwizera, 27Imana ifise ubwenge yonyene, icubahiro kibe icayo kubwa Yesu Kristo, ibihe bitazoshira. Amina. "

will be added

X\