ABAROMA 15

1Twebwe abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z' abadakomeye, no kutinezereza. 2Umuntu wese muri twebwe anezereze umuvukanyi wiwe, kugira ngo abone ivyiza, akomezwe. 3Kuko na Kristo atinejereje, nk'uko handitswe, ngo ibitutsi vy'abagutuka vyaguye kuri jewe. " 4Kuko ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n'ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba. 5Ariko Imana itanga ukwihangana n'uguhumurizwa ibahe guhuza imitima yanyu, nk'uko Kristo Yesu agomba, 6kugira ngo muhimbaze n'umutima umwe n'akanwa kamwe Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se. 7Nuko mwemerane, nk'uko Kristo na we yabemeye, kugira ngo Imana ishimishwe. 8Ico mvuga ni uko Kristo yacitse umukozi w'abahimbuwe igikoba c'ubugabo wo kubagaburira ivyo Imana, ku bwo ukuri kwayo, kugira ngo ashike ivyo ba sogokuruza basezeraniwe, 9kandi ngo abanyamahanga bahimbarize Imana imbabazi zayo, nk'uko handitswe hati:" "Ni co gituma nzogutazira mu mahanga, Ndirimbe izina ryawe." 10Kandi yongera kuvuga ati: "Yemwe banyamahanga ni munezeranwe n'abantu bayo." 11kandi arongera ati: "Yemwe banyamahanga mwese, ni mushime Uhoraho, kandi amoko yose amuhimbaze." 12Kandi Yesaya na we yaravuze ati: "Hazobaho igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira." 13Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n'amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera. 14Bavukanyi, nanje nyene ndazi ivyanyu ntakekeranya, yuko mwuzuye ineza, mwuzuye ubwenge bwose, mushobora no guhanurana. 15Ariko ndabandikiye hamwe-hamwe ndushirije gushira amanga, nk'ubibutsa, kubwo ubuntu nahawe n'Imana, 16ngo mbe umukozi akora mu gikoni wa Kristo Yesu ku banyamahanga, ntegure ivyo ubutumwa bwiza bw'Imana nk'umuherezi, kugira ngo abanyamahanga babe ishikanwa rishimwa, ryejejwe na Mpwemu Yera. 17Nuko mfise ukwirata mu vy'Imana muri Kristo Yesu. 18Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atari ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngo abanyamahanga bagamburuke, ampaye amajambo n'ibikorwa, 19n'ubushobozi bw'ibimenyetso bikomeye, n'ibitangaza, n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bwa Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko. 20Namanye imigabo yo kuvuga ubutumwa bwiza, aho izina rya Kristo ritaribwamenyekane, ngo sinubake kw'umushinge wubatswe n'uwundi; 21yamara ngo bimere nk'uko handitswe, ngo abatiganiwe ivyiwe bazobibona, Kandi abataravyumva bazovyitegereza. 22Ni co gituma ngira igisivya kenshi co kuza i wanyu. 23Ariko noneho ntihakinyagukiye muri ibi bihugu, kandi uhereye mu myaka myinshi nifuza kuza i wanyu, 24aho nzogira i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobaraba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kugabanya inkumbu ndabafitiye. 25Ariko ubu ndiko ndaja i Yerusalemu kugaburira abera. 26Kuko abo i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusororanya ivyo gutabara aboro bo mu bera b'i Yerusalemu. 27Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namba abanyamahanga basangiye ivyo impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy'umubiri. 28Ni naheraheza ivyo, maze kubashikiriza neza izo mbuto z'ubuntu, nzovayo, nce i wanyu, nje i Sipaniya. 29Kandi ndazi yuko aho nzozira i wanyu, nzoza nzanye umugisha wa Kristo wuzuye. 30Nuko ndabinginga, bavukanyi, kubwo Umwami wacu Yesu Kristo, no kubwo urukundo ruva kuri Mpwemu, murwanane nanje munsabire Imana, 31nkire abo i Yudaya batayumvira, kandi ingaburo yanje ngiye kugabura i Yerusalemu ishimwe n'abera; 32mbone uko nza i wanyu nezerewe, Imana ni yabikunda, nduhukane namwe. 33Imana nyene amahoro ibane namwe mwese. Amina.

will be added

X\