ABAROMA 13

1Umuntu wese n'agamburukire abamuganza; kuko ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n'Imana. 2Ni co gituma, uwugabagabiye uwuganza aba agabagabiye icagezwe n'Imana. Kandi abakigabagabiye bazoba bihamagariye gutsindwa n'urubanza. 3Kuko abaganza atari abateye ubwoba k'uwukora iciza, kiretse uwukora ikibi. Uragomba kutagirira ubwoba uwuganza? Kora neza, azogushima. 4Kuko ari umukozi w'Imana ku bwawe, ngo akuzanire ivyiza. Ariko ni wakora nabi, ugire ubwoba, kuko atambarira inkota ubusa, kuko ari umukozi w'Imana, umuhozi ashitsa ishavu k'uwukora nabi. 5Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari ku bwo kurakirwa gusa, ariko no kubwo ijwi ryo mu mutima. 6Ni co gituma kandi mutanga ikori; kuko abaganza ari abakozi b' Imana, bashishikarira ico gikorwa nyene. 7Muhe bose ivyo bakwiye; abahabwa ikori mubahe ikori; ababuguza mubabugurire; abo gutinywa mubatinye; abo kwubahwa mububahe. 8Ntihagire uwo mugirira umwenda, atari ugukundana; kuko ukunda uwundi aba ashikije ivyagezwe. 9Kuko ibi, ngo ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukifuze, n'ikindi cagezwe cose, bipoperanirijwe muri iri jambo, ngo Ukunde umubanyi nk'uko wikunda. 10Ufise urukundo ntagirira umubanyi we nabi. Ni co gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe. 11Nuko mwame mugenza mutyo, kuko muzi imisi, yuko igihe gishitse co kwikangura. Noneho agakiza kacu karatwegereye, kurusha igihe twizereye. 12Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy'umwiza, twambare ibirwanisho vy'umuco. 13Tugendane ingeso nziza, nk' abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivyo isoni nke, tudatongana, tutagira ishari. 14Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivyo umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.

will be added

X\