ABAROMA 11

1Nuko ndabaza: Mbega Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje ndi Umwisirayeli, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini. 2Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi uko ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana 3ati: "Mwami, bishe abavugishwa nawe, basambuye ibicaniro vyawe, nanje nsigaye jenyene, kandi barangenza ngo banyice." 4Ariko Imana yamwishuye ngo iki? Iti: " Nisigarije abantu ibihumbi indwi batapfukamiye Bayali." 5Nuko ni ko biri no muri iki gihe, hariho amasigarira nk'uko yatoranijwe n'ubuntu bw'Imana. 6Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa; Namba atari ko biri, ubuntu si bwo buntu. 7None vyabaye bite se? ico Abisirayeli barondeye, ntibakibonye; ariko, abatoranijwe barakironse, abandi bakomantazwa imitima. 8Nk'uko handitswe, ngo Imana yabahaye umutima wo guhunyiza, n'amaso atabona, n'amatwi atumva, gushitsa kuri uwo musi. 9Kandi Dawidi yaravuze ati: "Imeza yabo ibe nk'ururiba, n'umutego, N'ikigwisha, n'inyishu yabo: 10Amaso yabo ni ahumwe, ntibabone, Kandi wame ubahetamitse umugongo imisi yose." 11Nuko ndabaza: Mbega batsitariye kugwa mahera? Eka na mba! Yamara ukugwa kwabo kwazaniye abanyamahanga agakiza, ngo bitere Abisirayeli ishari. 12Ariko, k'ukugwa kwabo ari ubutunzi bw'abari mw'isi, n'ukugabanuka kwabo ari ubutunzi bw' abanyamahanga, ukugwira kwabo ntikuzorushiriza cane? 13Ariko ndababarira mwebwe, abanyamahanga. Ndashimisha igikorwa canje, kuko ndi intumwa ku banyamahanga, 14kugira ngo kumbure ntere ishari abo i wacu, nkize bamwe muri bo. 15Ko gutabwa kwabo kwazaniye abari mw'isi kwuzura n'Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye? 16Kandi ko ifu y'ivyeze ubwa mbere ari iyera, n'irobe ni ko rimeze; kandi ko igishitsi ari icera, n'amashami ni ko ameze. 17Ariko namba amashami amwe yarahanyuwe, nawe uri igihumbwa ca elayo watewe nk'ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bw'igishitsi ca elayo bwite, 18ntiwihayagize kuri ayo mashami. Namba uyihayagizako si igishitsi kimeze kuri wewe, ariko ni wewe umeze ku gishitsi. 19Wovuga rero uti: "Amashami yahanyuwe kugira ngo nterweko." 20Ni ko; ukutizera ni kwo kwayahanyuje, nawe ukwizera ni kwo kuguhagaritse. Ntiwibone, ariko wiyubare. 21Kuko Imana, ko itagiriye ikigongwe amashami bwite, nawe ntizokikugirira. 22Raba rero ukugira neza kw'Imana, n'ubuhambazi bwayo; ku baguye ni ubuhambazi, ariko kuri wewe ni ukugira neza kw'Imana, ni waguma muri ukwo kugira neza kwayo; kuko ni yo utagira utyo, nawe uzohanyurwa. 23Kandi ba bandi na bo, ni bataguma mu kutizera, bazosubizwako nk'ingurukizi. Imana ishobora kubasubizako. 24Kuko, ko wahanyuwe ku giti cameze ari igihumbwa ca elayo, ugaterwa nk'ingurukizi muri elayo nziza, mudasangiye ubwoko, ba bandi babusangiye ntibazorushiriza cane guterwa muri elayo yabo? 25Bavukanyi, singomba ko mutamenya iri banga, ntimwiyite abanyabwenge, n'irya uko habaye gukomantaza imitima y'Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa aho igitigiri gikwiye c'abanyamahanga kizokwinjirira mw'ishengero. 26Ni vyaba bityo, Abisirayeli bose bazokizwa, nk'uko handitswe, ngo i Siyoni hazova Umurokozi, Azokura muri Yakobo ukutubaha Imana; 27Kandi ni ryo sezerano, nsezeranye na bo, Aho nzobakurako ivyaha. 28Ku vy'ubutumwa bwiza, n'abansi kubwanyu: ariko ku vy'ugutoranya kw'Imana, n'abakundwa kubwa ba sekuruza. 29kuko ingabire z'Imana no guhamagara kwayo itavyicuza. 30Nk'uko mwebwe kera mwagarariza Imana, ariko none umugararizo wabo wazaniye mwebwe kugirirwa imbabazi: 31ni ko na bo none bagararije, kugira ngo imbabazi mwagiriwe zibazanire na bo kuzigirirwa. 32kuko Imana yugaraniye abantu bose mu mugararizo, kugira ngo ibagirire imbabazi bose. 33Yo, uburebure bw'amajepfo bw'ubutunzi bw'ubwenge no kumenya vy'Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n'inzira zayo ntizigira akehe! 34Ni nde yamenye umutima w'Uhoraho? Canke ni nde yabaye umuhanuzi wiwe? 35Canke ni nde yabanje kumuha kandi akazokwishurwa? 36Kuko vyose biva muri we, kandi bizanwa na we, kandi vyamuremewe: icubahiro kibe iciwe ibihe bidashira. Amina.

will be added

X\