ABAROMA 10

1Bavukanyi, ivyohimbara umutima wanje n'ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, ni ukugira ngo bakizwe. 2Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry'Imana, ariko si mu buryo bw'ubwenge; 3ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubwabo, ntibaganjwe n'ukuva ku Mana. 4Kuko Kristo ari we ivyagezwe bishikirako, kugira ngo aheshe uwizera wese ukugororoka. 5Mose yanditse ati: "Uwushishikara ukugororoka kuva ku vyagezwe ni kwo kuzomubeshaho." 6Ariko ukugororoka kuva ku kwizera kuvuga gutya, ngo ntiwibaze uti: "Ni nde azoduga, ngo aje mw'ijuru? (risobanurwa ngo kumanukana Kristo)," 7canke uti: "Ni nde azomanuka i kuzimu? (risobanurwa ngo kudugana Kristo, amukuye mu bapfuye)." 8Ariko kwavuze gute? Kwavuze kuti: "Ijambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe; ni ryo jambo ryo kwizera, iryo tubigisha." 9Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima yuko Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa; 10kuko umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka; kandi akanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakiza. 11Kuko ivyanditswe bivuga, ngo uwumwizera wese ntazoterwa n'isoni. 12Nta tandukaniro ry'Umuyuda n'Umugiriki; kuko Umwami umwe ari Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose; 13kuko, Umuntu wese azokwambaza izina ry'Uhoraho azokizwa. 14None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe? 15Kandi bazosigura ivyiwe bate, batatumwe? Nk'uko handitswe, ngo ewe kuntu ibirenge vy'abazanye ubutumwa bw'ivyiza ari vyiza! 16ariko abumviye ubutumwa bwiza si bose. Kuko Yesaya yavuze ati: "Mwami, ni nde yemeye ivyo twumvise?" 17Nuko ukwemera kuva ku kwumva, n'ukwumva kuzanwa n'ijambo rya Kristo. 18Ariko ndabaza. Mbega ntibumvise? Ego, barumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw'isi yose, Bo n'amajambo yavyo ku mpera y'isi. 19Ariko ndabaza. Mbega Abisirayeli ntibabimenye? Mose ni we yabanje kuvuga ati: "Nzobateza ishari abatari ihanga ry'ukuri, Nzobarakisha ihanga ry'imburabwenge." 20Kandi Yesaya ashira amanga cane, aravuga ati: "Nabonywe n'abatandondeye, Neretswe abatambaririkije." 21Ariko ku Bisirayeli aravuga ati: "Nirirwa ntegeye amaboko ubwoko butumva butongana."

will be added

X\