ABAROMA 1

1Jewe Pahulo umushumba wa Yesu Kristo nahamagariwe ubutumwa bw'Imana. 2Imana yabubasezeraniye kera ibivugiye mu bo yavugisha na bo bakabwandika mu vyanditswe vyera. 3Buvuga ivyo Umwana wayo yavutse mu buryo bw'umuntu mu ruvyaro rwa Dawidi. 4Ariko mu buryo bwa Mpwemu Yera, yerekanywe ko ari Umwana w'Imana ukuzuka kwiwe yakwerekanishije ubushobozi, uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu. 5Twaronse ubuntu n'ibanga ryo kuba intumwa ku bwiwe kugira ngo mu mahanga yose habemwo abumvira Imana, babiheshwa no kwizera. 6Kandi namwe muri muri bo, mwahamagariwe kuba aba Yesu Kristo. 7Ndabandikiye mwese muri i Roma mukundwa n'Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu n'amahoro bubabemwo, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo bibabemwo. 8Irya mbere, ndashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo ku bwanyu mwese, kuko inkuru y'ukwizera kwanyu ikwiye mw'isi yose. 9Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bwiza bw'Umwana wayo, ni yo ntanzeko icabona yuko ndabahoza mu kanwa ubudasiba. 10Imisi yose uko nsenze, nsaba ngo ubu hoho ibigomvye Imana yemere kunzana amahoro no kunzana i wanyu. " 11Kuko nifuza kubabona, kugira ngo ndabahe ingabire y'impwemu, ibaremeshe; 12ni kwo guhumurizanya namwe, mpumurizwe n'ukwizera kwanyu, namwe muhumurizwe n'ukwanje. 13Kandi bavukanyi, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, kugira ngo namwe ndabamuremwo imbuto, nk'uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n'ubu. 14Mfitiye umwenda Abagiriki n'abanyamahanga badebagura, abanyabwenge bo n'ibijuju. 15Ni co gituma jeho kubwanje niteguye kubabwira ubutumwa bwiza namwe muri i Roma. 16Ubutumwa bwiza ntibuntera isoni kuko ari ubushobozi bw' Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki. 17Kuko muri bwo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurwa, guheshwa n'ukwizera kukagwiza ukwizera, nk'uko vyanditswe," ngo umugororotsi azobeshwaho n'ukwizera. 18Ishavu ry'Imana ryarahishuwe, rivuye mw'ijuru, irisuka ku bayigarariza n'abagabitanya bakayongesha ukuri ukugabitanya kwabo. 19Kuko ivyo umuntu yomenya vy'Imana vyerekanwa muri bo, Imana ari yo yabiberetse. 20Mbere kuva isi ikiremwa ivyo Imana bitunganye bitabonwa n'amaso ari vyo bushobozi bwayo budashira be n'ubumana bwayo, biragaragara; bimenyekanishwa kuko bibonekera mu vyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza. 21Kuko bamenye Imana ntibayubahe nk' Imana, ntibayishime; ariko bacitse abiyumvira ivyo ubusa, imitima yabo y'ubujuju icura umwiza. 22Biyise abanyabwenge bacika ibipfu. 23Icubahiro c'Imana idapfa baragikaba no gusenge ibishushanyo bisa n'umuntu apfa, ivyo ibiguruka, ivyo ibigenza amaguru ane n'ivyo ibikwega inda hasi. 24Ni co catumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni, bumvire ivyo imitima yabo yifuza, bonone imibiri yabo, 25kuko ukuri kw'Imana bagukavye ibinyoma, bagasenga bagakorera icaremwe, bakakirutisha Iyakiremye, ni yo ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amina. 26Ni co catumye Imana ibaheba ngo bipfuze ivyonona; kuko abagore babo bahinduye ukundi ico imibiri yabo yaremewe bayikoresha ico itaremewe. 27Kandi n'abagabo ni uko, baretse kugirira abagore ivyo imibiri yabo yaremewe, bashuha babegukana, abagabo bagirira abandi bagabo ibiteye isoni, kandi mu mibiri yabo bahabwa ingero zikwiranye n'ikosa ryabo. 28Kandi nk'uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni ko Imana yabahevye ngo bagire imitima y' akahebwe, bakore ibitabereye. 29Buzuye ukugabitanya kwose, ukugira nabi, ukwifuza n'urwanko rw'ubusa. Buzuye igono, ubwicanyi, ugutongana, ubugunge, ukwitamba ku muvyimba; abaneguranira mu vyongorerano, 30abavuga abandi nabi, abanka Imana, abatukana, abibona, abirarira, abigenera ibibi, abatumvira abavyeyi, 31ibipfu, abava mw'isezerano, abadakunda n'ababo n'imburakigongwe. 32Abo, naho bamenye urubanza Imana ica, yuko abakora ibisa bityo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n'ababikora.

will be added

X\