INTANGAMARARA 9

1Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw'isi ivuye kw'ijuru; ihabwa urupfunguruzo rw'imanga yo mu kuzimu. 2Yugurura iyo manga yo mu kuzimu, ipfundukamwo umwotsi nk'uwo itanure rinini, izuba n'ikirere bicurishwa umwiza n'umwotsi wo muri iyo manga. 3Mu mwotsi havamwo inzige, zija mw'isi, zihabwa ububasha bwo gukora ivyo sikorupiyo zo kw'isi zibasha gukora. 4Zibwirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw'isi canke ikintu cose kibisi canke igiti cose, atari abantu batadomweko ikimenyetso c'Imana mu ruhanga rwabo. 5Zihabwa kutabica, ariko zihabwa kubababaza amezi atanu. Kandi ukubabaza kwazo kumeze nk'ukwa sikorupiyo iyo iriye umuntu. 6Muri iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bifuza gupfa, urupfu rubahunge. 7Kandi ishusho y'izo nzige yasa n'iyo amafarasi ateguriwe kuja mu ntambara, zari zambaye mu mitwe ibitsibo bisa n'izahabu, mu maso hazo hasa n'aho abantu. 8Kandi zari zifise ubwoya bumeze nk'umushatsi w'abagore, amenyo yazo yari nk'ayo intambwe. 9Kandi zari zifise ibikingira ibikiriza, bimeze nk'ivyuma, uguhinda kw'amababa yazo kwari kumeze nko uguhinda kw'imikogote ikwegwa n'amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara. 10Kandi zari zifise imirizo nk'iya sikorupiyo, n'imboyi, kandi mu mirizo yazo ni ho harimwo ubushobozi bwo kubabaza abantu amezi atanu. 11Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w'i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni. 12Ibara rya mbere riraheze, ehe ukundi kubona ivyago bibiri guhava kuza hanyuma. 13Umumarayika wa gatandatu aravuza, numva ijwi riva ku mahembe ane y'igicaniro c'izahabu kiri imbere y'Imana, 14ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzumbeti riti: "Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurate." 15Abo bamarayika bane, bari biteguriye iyo saha, uwo musi, ukwo kwezi n'uwo mwaka, babohorerwa kwica ica gatatu c'abantu. 16Igitigiri c'ingabo z'abarwanira ku mafarasi cari ibihumbi amajana igihumbi kabiri. Igitigiri cabo naracumvise. 17Kandi nerekwa ntya amafarasi n'abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikingira ibikiriza, bisa n'ikibengebenge, agafyiri n'ibizuku. Imitwe y'ayo mafarasi yari nk'iyo intambwe, mu kanwa kayo havamwo umuriro, umwotsi n'ibizuku. 18Icagatatu c'abantu cicwa n'ivyo vyago, uko ari bitatu, umuriro, umwotsi n'ibizuku, bivuye mu kanwa kayo. 19Kuko ububasha bw'ayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo kuko imirizo yayo imeze nk'inzoka, na yo iri n'imitwe, kandi ni yo aryanisha. 20Abantu barokotse, batishwe n'ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n'intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni, ibigirwamana vy'izahabu, ivyo ifeza, ivyo imiringa n'ivyo amabuye n'ivyo ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda. 21Kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyi bwabo, canke uburozi canke ugushegura canke ubusuma.

will be added

X\