INTANGAMARARA 7

1Hanyuma y'ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z'isi, bafashe imiyaga ine yo kw'isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhuha kw'isi canke ku kiyaga canke ku giti cose. 2Kandi mbona umumarayika wundi aduga, ava mu buseruko, afise ikidomesho c' Imana nzima, asemerera n'ijwi rirenga, abarira ba bamarayika bane bahawe kwonona isi n'ikiyaga 3ati: "Ntimugire ico mugira isi canke ikiyaga canke ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw'abakozi b'Imana yacu." 4Numva igitigiri c'abadomweko ikimenyetso, ngo ni ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, abadomweko ikimenyetso bo mu bwoko bwose bw'Abisirayeli. 5Abo mu muryango wa Yuda bakidomweko ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Reyubeni ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Gadi ni ibihumbi icumi na bibiri. 6Abo mu bwoko bwa Asheri ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Nafutali ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Manase ni ibihumbi icumi na bibiri. 7Abo mu bwoko bwa Simeyoni ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Lewi ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Isakari ni ibihumbi icumi na bibiri. 8Abo mu bwoko bwa Zebuloni ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Yosefu ni ibihumbi icumi na bibiri. Abo mu bwoko bwa Benyamini badomweko ikimenyetso ni ibihumbi icumi na bibiri. 9Hanyuma y'ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharura, bo mu mahanga yose, imiryango yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere y'iyo ntebe n'imbere y'Umwagazi w'Intama, bambaye imyambaro yera, bari n'amashami y'ibigazi mu minwe. 10Basemerera n'ijwi rirenga bati: "Agakiza ni ako Imana yacu ivyagiye kuri irya ntebe kandi ni ako Umwagazi w'Intama." 11Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y'intebe, basenga Imana 12bati: "Amina, umugisha, guhimbazwa, ubwenge, ishimwe, icubahiro, ububasha n'ubushobozi ni ivyo Imana yacu ibihe bitazoshira. Amina." 13Umwe muri ba bakuru arambaza ati: "Aba bambaye imyambaro yera ni ba nde, kandi bavuye hehe?" 14Ndamwishura nti: "Mugenzi, ni wewe wobimenya." Arambwira ati: "Aba ni abavuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi. 15Ni co gituma baba imbere y'intebe y'Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw'ijoro. Kandi Iyivyagiye kuri irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo. 16Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kandi izuba ntirizobarabika canke indugumba yose, 17kuko wa Mwagazi ari hagati aharabana n'iyo ntebe, azobaragira, kandi azobashora ku masoko y'amazi y'ubugingo; kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.

will be added

X\