INTANGAMARARA 6

1Mbona Umwagazi w'Intama amena kamwe muri twa dushashara indwi tumatanije ca gitabo; numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk'ijwi ry'inkuba kiti: "Ngwino." 2Mbona ifarasi y'umwero, kandi uwuyicayeko yarafise umuheto, ahabwa igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha. 3Kandi amenye aka kabiri kamatanije ca gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo kiti: "Ngwino." 4Haza iyindi farasi y'akagajo, uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro mw'isi, ngo bicane; kandi ahabwa inkota ndende. 5Kandi amenye aka gatatu kamatanije ca gitabo, numva ikigira gatatu mu binyabugingo kiti: "Ngwino." Mbona ifarasi y' agafyiri; kandi uwuyicayeko yarafise umunzane mu minwe. 6Numva hagati y'ivyo binyabugingo bine nk'ijwi rivuga riti: "Ingero imwe y'ingano n'idenariyo-idenariyo, n'ingero zitatu za sayiri ni idenariyo-idenariyo; ariko amavuta n'umuvinyu ntugire ico ubikorako. 7Kandi amenye aka kane kamatanije ico gitabo, numva ijwi ry'ikigira kane mu binyabugingo kiti: "Ngwino." 8Mbona ifarasi ibenjutse; kandi uwuyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabwa ububasha ku kigira kane c'isi, ngo babicishe inkota, inzara, urupfu n'ibikoko vyo kw'isi. 9Kandi amenye aka gatanu kamatanije ico gitabo, mbona musi y'igicaniro impwemu z'abishwe babahorwa ijambo ry'Imana no gushinga intahe bari bafise. 10Batakambisha ijwi rirenga bati: "Databuja wera w'ukuri, uzogeza ryari kudaca imanza no kudahora abari mw'isi amaraso yacu? 11Umuntu wese muri bo ahabwa imyambaro yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa aho igitigiri c'abakozi bagenzi babo n'abavukanyi babo, bagira bicwe nka bo, kizoshikira. 12Kandi mbona amena aka gatandatu kamatanije ico gitabo, isi iratigita cane; izuba ririrabura nk'igunira ry'ubwoya; ukwezi kwose guhinduka nk'amaraso. 13Inyenyeri zo kw'ijuru zikorokera hasi, nk'uko umusukoni uzungagizwa n'igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza. 14Ijuru ririzinga, nk'umuzingo w'igitabo kizinzwe; imisozi yose n'ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikurwa ahantu havyo. 15Abami bo mw'isi, abaganwa n'abakuru b'intwazangabo z'abasoda, abatunzi, abanyenkomezi, abakozi bose n'abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi; 16babarira imisozi n'ibitandara bati: "Ni mutugweko, muduhishe amaso y'Iyivyagiye kuri irya ntebe n'ishavu ry'Umwagazi w'Intama; 17kuko umusi uhambaye w'ishavu ryabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?"

will be added

X\