INTANGAMARARA 4

1Hanyuma y'ivyo ndavye mbona mw'ijuru umwango wuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk'iryo inzumbeti, rirambwira riti: "Duga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y'ivyo." 2Ako kanya nja muri Mpwemu; kandi mbona intebe iteretse mw'ijuru, mbona n'Uwuyivyagiyeko. 3Uwari avyagiye yasa n'akabuye k'igiciro kitwa yasipi n'akitwa sarudiyo; kandi umunywamazi wari ukikije iyo ntebe, usa n'akitwa simaragido. 4Iyo ntebe yari ikikijwe n'izindi ntebe mirongo ibiri na zine; kuri izo ntebe mbona abakuru mirongo ibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo hari ibitsibo vy'izahabu. 5Kandi kuri ya ntebe y'ubwami hava imiravyo, amajwi n'imituragaro, kandi imuri indwi z'umuriro zakira imbere y'iyo ntebe, ni zo Mpwemu indwi z'Imana. 6Kandi imbere y'iyo ntebe hari nk'ikiyaga c'ibirahuri, gisa n'urubona; kandi hagati aharabana n'iyo ntebe no kuyikikuza hari ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n'inyuma. 7Ikinyabugingo ca mbere casa n'intambwe, ica kabiri casa n'inyana, ica gatatu cari gifise mu maso hasa n'aho umuntu, ica kane casa n'inkona iguruka. 8Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatutandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n'imbere mu nda; ntibiruhuka ku murango no mw'ijoro, vyama bivuga biti: "Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana Ishobora vyose, yamyeho, kandi iriho, kandi agira aze." 9Kandi iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa, icubahiro n'ishimwe Iyivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira, 10ba bakuru mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y'Iyivyagiye kuri iyo ntebe, bagasenga Iyibaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y'iyo ntebe, bavuga 11bati: "Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabwa uguhimbazwa, icubahiro n'ububasha, kuko ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kandi icatumye biremwa, ni uko wabigomvye."

will be added

X\