INTANGAMARARA 3

1Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Sarudi uti: "Uwufise Impwemu indwi z' Imana n'inyenyeri indwi," aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, ko uvugwa ko uri muzima, ariko uri uwapfuye. 2Gira ube maso, ukomeze ibisigaye bigira bipfe; kuko ata bikorwa vyawe nabonye bisozerewe imbere y'Imana yanje. 3Ni wibuke rero ingene wakiriye kandi wumvise, uvyitondere, wihane. Nuko rero ni yo utaba maso, nzoza nk'igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwubira. 4Ariko ufise amazina makeya y'abo i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye. 5Uwunesha uko ni kwo azokwambikwa impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c'ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n'imbere y'abamarayika biwe. 6Uwuri n'ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. 7Wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Filadelufiya uti: "Uwera, uwo ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kandi uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi, 8ngo Ndazi ibikorwa vyawe (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara) yuko ufise ubushobozi buke, witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje. 9Ehe ndaguhaye bamwe bo mu rusengero rw'Abayuda ba Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagobera kuza, bikubite imbere y'ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze. 10Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw'isi. 11Ngira nze vuba; wumire ku co ufise, ntihagire uwugutwara igitsibo cawe. 12Uwunesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw'Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikako izina ry'Imana yanje, n'iryo umurwa w'Imana yanje, ni wo Yerusalemu mushasha, wururuka uvuye mw'ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha. 13Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero." 14Wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Lawodikiya uti: "Uwiyita Amina, icabona co kwizigirwa kandi c'ukuri, inkomoko y'ivyaremwe n'Imana, aravuga ibi, 15ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuko udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja canke ukabira! 16Nuko rero kuko uri akazuyazi, udakonje ntubire, ngira ndakudahwe. 17Kuko uvuga uti: "Ndi umukire ndatunze kandi nta co nkenye; ntumenye yuko ari wewe mutindi, wafutanye, uri umworo, uri impumyi, ugenda gusa; 18ndakugira inama, ungureko izahabu yatyorowe n'umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n'impuzu zera, ubone kwambara, isoni z'ubwambure bwawe ntizigaragare; kandi ungureko n'umuti wo gusiga ku maso, ubone guhumuka. 19Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakangira; nuko gira umwete, wihane. 20Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura umwango, ndinjira i we, dusangire. 21Uwunesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y'ubwami, nk'uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe. 22Uwuri n'ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero."

will be added

X\