INTANGAMARARA 22

1Anyereka uruzi rw' amazi y'ubugingo, rubonerana nk'icirore, ruva ku ntebe y'Imana na wa Mwagazi. 2Hagati y'irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y'urwo ruzi hariho igiti c'ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwerimwe uko ukwezi gutashe. Ibibabi vyaryo vyari ivyo kuvura amahanga. 3Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y'Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abakozi bayo bazokwama bashashe, 4bazoraba mu maso hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo. 5Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n'itara canke kwakirwa n'izuba, kuko Umwami Imana ari yo izobakira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira. 6Arambarira ati: "Ayo majambo ni ayo kwizerwa ni ayo ukuri, kandi Umwami, ni yo Mana itegeka impwemu z'abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abakozi biwe ibigira bibeho vuba. 7Kandi ehe ndaza vuba. Harahiriwe uwitondera amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo. 8Ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Maze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y'ibirenge vy'umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge. 9Arambarira ati: "Oya sigaho; ndi umushumba mugenzawe, co kimwe n'abavukanyi bawe, abavugishwa n'Imana, n'uwo abitondera amajambo y'iki gitabo. Imana ba ari yo usenga. 10Kandi arambarira ati: "Ntumatanishe ishashara n'ikimenyetso amajambo avugishijwe n'Imana yo muri iki gitabo; kuko igihe kiri hafi." 11Uwugabitanya n'ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n'ashishikare yandure; uwugororotse n'ashishikare agororoke; uwera ni ashishikare yezwe. 12Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze. 13Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n'uwa nyuma, itanguriro n'iherezo. 14Harahiriwe abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c'ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa. 15Inyuma hazoba imbwa, abarozi, abashurashuzi, abicanyi, abasenga ibigirwamana n'umuntu wese akunda kubesha akabikora. 16Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebwe ivyo, kubwo amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, ndi umwuzukuruza wiwe, kandi ndi ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu. 17Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara bati: "Ngwino." Kandi uwumva ni ahamagare ati: "Ngwino." Kandi uwufise inyota ni aze, uwugomba ni yakire amazi y'ubugingo ku buntu. 18Uwumva wese amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo ndabishingira intahe kuri we nti: "Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana izomwunguka ivyago vyanditswe muri iki gitabo." 19Kandi ni hagira umuntu akura ku majambo y'igitabo c'ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukura ku mugabane wa ca giti c'ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe muri iki gitabo. 20Uwushingira intahe ivyo, aravuga ati: "Ego me, ndaza vuba." Amina, urakaza, Mwami Yesu. 21Ubuntu bw'Umwami Yesu bubane n'abera. Amina.

will be added

X\