INTANGAMARARA 2

1Andikira umumarayika w'Ishengero ryo muri Efeso uti: "Uwufashe inyenyeri indwi mu kuboko kw'i buryo, akagendera hagati y'ibiterekwako amatara indwi vy'izahabu, aravuga ibi, 2ngo Ndazi ibikorwa vyawe n'ubutame bwawe n'ukwihangana, kandi yuko udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kandi atari zo, usanga ni abanyabinyoma. 3Kandi ugira ukwihangana, wirengagije ivyo ugirirwa kubwo izina ryanje, ntiwacobogora. 4Ariko mfise ico ndakugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere. 5Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk'ivya mbere. Ni yo utagira utyo, nzokuzako nkure igiterekwako itara cawe ahantu haco, kiretse wihanye. 6Ariko ico ufise ni uko wanka ibikorwa vy'Abanikolayiti, ivyo nanje nanka. 7Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwunesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c'ubugingo kiri muri Paradiso y'Imana." 8Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Simuruna uti: "Uwa mbere kandi uwo iherezo, uwari yarapfuye kandi akaba muzima, aravuga ibi, 9ngo Ndazi amarushwa yawe n'ubworo bwawe (yamara uri umutunzi), n'ibitutsi vy'abiyita Abayuda, atari bo, ariko ari isengero ry'Abayuda ya Satani. 10Ntutinye ivyo ugira ubabazwe. Ehe uwo mugarariji agira ashire bamwe muri mwebwe mw'ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi icumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c'ubugingo. 11Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwunesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira." 12Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Perugamo uti: "Uwufise inkota ikarishe aravuga ibi, 13ngo Ndazi aho uba, ko ari ho umurwa wa Satani uri; kandi wumiye kw'izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n'umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba. 14Ariko mfise ivyo ndakugayako bike, kuko i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y'Abisirayeli, kugira ngo barye ivyashikaniwe ibigirwamana, bashegure. 15Ni ko nawe, ufise abakomeza inyigisho z'Abanikolayiti nk'uko nyene. 16Nuko rero ni wihane. Ni yo utihana nzokuzako vuba, kandi abo nzobarwanya, ndabakubite inkota yo mu kanwa kanje. 17Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwunesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kuri iryo buye handitsweko izina rishasha, nta muntu arizi, atari uwuzorihabwa. 18Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Tuwatira uti: "Umwana w'Imana, afise amaso asa n'imbeya z'umuriro, ibirenge vyiwe bisa n'umuringa w'umwakaka, aravuga ibi, 19ngo Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, ingene ushitsa ibango ryawe, ukwihangana kwawe, kandi ko ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivya mbere kuba vyinshi." 20Ariko mfise ico ndakugayako, yuko ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita uwuvugishwa n'Imana, akigisha akazimiza abakozi banje, kugira ngo bashegure barye ivyashikaniwe ibigirwamana. 21Kandi namuhaye uburyo bwo kwihana, ntiyakunda kwihana ngo areke ugushegura kwiwe. 22Ehe ndamutsinda ku buriri, ndarungikira abasambana na we amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe. 23Kandi n'abana biwe nzobicisha urupfu, kandi amashengero yose azomenya yuko ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebwe ibihwanye n'ivyo mwakoze. 24Ariko mweho abasigaye mu b'i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batamenye ivyo ba bandi bita ivyo mu kuzimu vya Satani, ndababwira nti: "Nta wundi mutwaro ndabikoreza atari uwu; 25ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira." 26Uwunesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw'iherezo, nzomuha ububasha bwo kuganza amahanga. 27Azoyaragiza inkoni y'icuma, nk'uko bamenagura inzavya z'ibumba; nk'uko nanje nahawe na Data. 28Kandi nzomuha ikinyenyeri co mu gaturuturu. 29Uwuri n'ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero.

will be added

X\