INTANGAMARARA 18

1Hanyuma y'ivyo mbona uwundi mumarayika, amanuka avuye mw'ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n'ubwiza bwiwe. 2Asemerera n'ijwi rirenga ati: "Kiraherengeteye, kiraherengeteye, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c'abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisiga bihumanya vyankwa vyose." 3Kuko amahanga yose yanyoye umuvinyu, ni zo burake bw'ubusambanyi bwiwe, kandi abami bo kw'isi basambana na we, abadandaza bo kw'isi batungishwa n'ubwinshi bw'ibihinda vyiwe. 4Numva irindi jwi rivuye mw'ijuru, rivuga riti: "Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo ntimufatanye n'ivyaha vyiwe, ntimuhabwe ku vyago vyiwe." 5Kuko ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw'ijuru, kandi Imana yibutse ukugabitanya kwiwe. 6Mumugirire ibihwanye n'ivyo yagiriye abandi, mumugerere kabiri ibikwiranye n'ivyo yakoze. Mu gakarabo yavangiyemwo, mumuvangiremwo kabiri. 7Nk'uko yihimbaza, akigirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibwira mu mutima, ngo arayagiye ari umwamikazi, si umupfakazi, ntazobona amaborogo n'amagorwa namba. 8Ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, hazoza urupfu, amaborogo n'amapfa, kandi azotongozwa umuriro; kuko Umwami Imana amuciriyeko iteka ari uwo ubushobozi. 9Kandi abami bo kw'isi, abasambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize induru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe. 10Bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe bati: "Ni ibara, ni ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c'inkomezi, kuko mw'isaha imwe urubanza uciriwe rigushikiriye! 11N'abadandaza bo kw'isi barakiririra, barakiborogera, kuko ata wukibagurira ibidandazwa vyabo bizanwa mu bwato; 12ibidandazwa vy'izahabu, ifeza, utubuye tw'igiciro kinini, ubuyeye, impuzu zera nziza, izitukura zizimvye, ihariri, izo agahama, imbaho zose zimota neza, ibikoresho vyose vyakozwe mu mahembe y'inzovu, ibikoresho vyose vy'ivyabajwe mu biti vy'igiciro kinini, ivyacuzwe mu miringa no mu butare, ivyabajwe mw'ibuye ryitwa marimari, 13ibisosa vyitwa mudarasini, imbazi, imibavu, amavuta amota neza, isenga, umuvinyu, amavuta ya elayo, ifu isetse neza, ingano, inka, intama, amafarasi, imikogote, imibiri y'abantu n'ubugingo bwabo. 14(Kandi iyera ry'ukwifuza kw'umutima wawe rirakuvuyeko; n'ibintu vyose biryoshe n'ibirabika neza biguhonyeko, ntibazokwongera namba kubibona. ) 15Abashora ivyo, batungishijwe n'ico gisagara, bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurirwa kwaco, barira ba boroga 16bati: "Ni ibara, ni ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza, izo inyambarabami n'izo agahama, kandi cisakaye izahabu n'utubuye tw'igiciro kinini n'imaragarita, 17kuko ubutunzi bungaho buherengeteye mw'isaha imwe! Kandi nyene ubwato wese, n'umuntu wese abujabukirizwamwo ahantu hose, abasoza, abatunzwe n'ikiyaga, bari bahagaze kure, 18kandi bakiraba umwotsi wo kuyigizwa kwaco barataka bati: "Ni ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye?" 19Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga bati: "Ni ibara, ni ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bwaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko caherengeteye mw'isaha imwe !" 20Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n'intumwa n'abavugishwa n'Imana, kuko Imana igiciriyeko iteka, igihora mwebwe. 21Umumarayika w'inkomezi araha ikibuye kimeze nk'igisyo kinini, agita mu kiyaga ati: "Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira ukundi kuboneka." 22Nta jwi ry'abacuraranzi, iryo abaririmvyi, irya abavuza imyironge canke iryo abavuza inzumbeti rizosubira kukwumvikanamwo. Kandi nta muhinga w'umunyabuhinga bwose agisubira kuboneka muri wewe ukundi, kandi ukuvuga kw'urusyo ntikugisubira kwumvikana muri wewe ukundi. 23Kandi ukumurika kw'itara ntikugisubira kukubonekamwo ukundi, kandi ijwi ry'umukwe n'iryo umugeni ntirigisubira kukwumvikanamwo. Abadandaza bawe bari abahambaye bo kw'isi, kuko amahanga yose yahendahenzwe n'uburozi bwawe. 24Kandi muri ico gisagara amaraso y' abavugishwa n'Imana, ayo abera n'ayo abishwe bo kw'isi bose ni ho yabonetse.

will be added

X\