INTANGAMARARA 16

1Numva ijwi rirenga rivuye muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika indwi riti: "Ni mugende, musuke kw'isi izo nzavya indwi z'ishavu ry'Imana." 2Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw'isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n'ibisebe bikomeye bibi. 3Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk'ayo uwupfuye. Ikintu cose co mu kiyaga kiri n'ubugingo kirapfa. 4Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzuzi no mu masoko, bicika amaraso. 5Numva umumarayika w'amazi avuga ati: "Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuko uciye urwo rubanza." 6Bavishije amaraso y'abera n'ayo abavugishijwe nawe, kandi amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe. Birababereye. 7Numva igicaniro kivuga kiti: "Ego me Mwami Mana ushobora vyose, imanza yawe n'ayo ukuri n'ukugororoka." 8Uwa kane asuka urwavya rwiwe mu zuba. Rihabwa kubaburisha abantu umuriro. 9Abantu bababurwa n'indugumba nyinshi, batyoza izina ry'Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze. 10Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y'ubwami ya ca gikoko. Ubwami bwaco bucura umwiza, uburibwe butuma bahekenya indimi zabo, 11kandi uburibwe bwabo n'ibisebe vyabo bituma batyoza Imana Nyenijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo. 12Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Efurate. Amazi yarwo arakama, kugira ngo inzira y'abami bava i buseruko itegurwe. 13Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muvugishwa w'ibinyoma, havamwo impwemu zitatu zihumanya, zisa n'ibikere. 14Kuko izo ari impwemu z'abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw'isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w'Imana Ishobora vyose. 15(Ehe ndaza nk'igisuma. Harahiriwe uwuba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amenya, bakabona isoni z'ubwambure bwiwe. ) 16Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru-Magedoni mu Giheburayo. 17Uwo indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga riti: "Karabaye." 18Habaho imiravyo, amajwi, imituragaro, habaho no gutigita kw'isi guhambaye; nta gutigita kunganya n'ukwo ubuhambazi no gukomera kwigeze kubaho, uhereye aho abantu bakabereye kw'isi. 19Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy'abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y'Imana, ngo hahabwe agakarabo k'umuvinyu w'ishavu ryayo ry'inkazi. 20Ibizinga vyo mu kiyaga vyose birahunga kandi imisozi ntiyasubira kuboneka. 21Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo riremereye nk'italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw'ijuru. Ico cago c'urubura gituma abantu batyoza Imana, kuko icago carwo gikomeye cane.

will be added

X\