INTANGAMARARA 14

1Kandi mbona Umwagazi w'Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n'abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, bafise izina ryiwe n'izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo. 2Numva ijwi rivuye mw'ijuru, nk'iryo amazi menshi asuma, kandi nk'iryoinkuba ituragara cane. Kandi iryo jwi numvise ryari rimeze nk'iryo abacuraranzi bacuraranga inanga zabo. 3Baririmbira indirimbo nshasha imbere ya ya ntebe y'ubwami, n'imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, bacunguwe ngo bakurwe mw'isi. 4Abo ni bo batandujwe n'icitwa umugore, kuko Babaye nk'inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Abo bacunguwe mu bantu, kugira ngo babe ku vyeze ubwa mbere ku Mana no kuri wa Mwagazi. 5Kandi mu kanwa kabo ntihabonetsemwo ikinyoma; nta gasembwa bagira. 6Kandi mbona uwundi mumarayika aguruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa kw'isi n'amahanga yose n'imiryango yose n'indimi zose n'amoko yose. 7Avuga n'ijwi rirenga ati: "Mwubahe Imana, muyihimbaze, kuko igihe c'imanza zayo gishitse, musenge iyaremye ijuru, isi, ikiyaga n'amasoko y'amazi." 8Umumarayika wundi wa kabiri akurikizako ati: "Kirasenyaguritse, kirasenyaguritse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose umuvinyu ni yo shavu y'ubushakanyi bwaco. 9Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n'ijwi rirenga ati: "Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n'igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, 10uwo na we azonywa ku muvinyu, ni yo burake bw'Imana, iteguwe idafunguye mu gakarabo k'ishavu ryayo. Kandi azobabarizwa n'umuriro n'ibizuku imbere y'abamarayika bera n'imbere ya wa Mwagazi. 11Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw'ijoro, abasenze ca gikoko n'igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c'izina ryaryo. 12Aho ni ho ukwihangana kw'abera guserukira, bitondera ivyagezwe n'Imana n'ukwizera Yesu. 13Numva ijwi rivuye mw'ijuru rimbwira riti: "Andika uti: 'Kuva ubu Harahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.' " Kandi Mpwemu aravuga ati: "Ego me, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye." 14Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ukivyagiyeko, asa n'Umwana w'umuntu, yambaye igitsibo c'izahabu mu mutwe, kandi afise umuhoro ukarishe mu kuboko. 15Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n'ijwi rirenga, abwira uwuvyagiye kuri ico gicu ati: "Ni urungike umuhoro wawe, wimbure, kuko iyimbura rishitse, kandi ivyimburwa vyo mw'isi vyumye." 16Uwuvyagiye ku gicu arekurira umuhoro wiwe mw'isi, isi irimburwa. 17Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw'ijuru, na we nyene afise umuhoro ukarishe. 18Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n'ijwi rirenga, abarira uwufise umuhoro ukarishe ati: "Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w'isi, kuko imbuto zawo zirungurije." 19Umumarayika arekurira umuhoro wiwe mw'isi, aca inzabibu z'umuzabibu w'isi, aziterera mu bwato bunini bw'ukuraka kw'Imana. 20Ubwo bwato buganishirizwamwo ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bwato, ashitsa stadiyo igihumbi n'amajana atandatu, agera ku vyuma bifata mu kanwa k' amafarasi.

will be added

X\