INTANGAMARARA 11

1Bampa irenga rimeze nk'inkoni bati: "Va hasi ugere urusengero rw'Imana n'igicaniro n'abarusengeramwo. 2Imbuga y'urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga. Kandi n'igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongo ine n'abiri. 3Kandi abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n' amajana abiri na mirongo itandatu bambaye amagunira." 4Abo ni bo biti bibiri vy'imyelayo n'ibiterekwako amatara bibiri, bihagaze imbere ya nyene isi. 5Kandi iyo umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo, kandi umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni ko akwiye kwicwa. 6Abo bafise ubushobozi bwo gukinga ijuru, ngo imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo, kandi bafise ubushobozi ku mazi bwo kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye. 7Kandi ni baheza gushinga intahe, igikoko kizoduga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice. 8Imivyimba yabo izorambarara mw'ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co, mu buryo bw'impwemu citwa Sodomu na Misiri, kandi ni ho Umwami wabo yabambwe. 9Kandi abo mu moko, mu miryango, mu ndimi n'amahanga bazoraba imivyimba yabo imisi itatu n'igice, ntibazokunda ko iyo mivyimba ihambwa. 10Abari mw'isi bazonezerwa, bazobitamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kuko abo bavugishwa n'Imana batoneka abari mw'isi. 11Iyo misi itatu n'igice ishize impwemu z'ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka, barahagarara. Ubwoba bwinshi butera ababaraba. 12Bumva ijwi rirenga rivuye mw'ijuru ribabarira riti: "Ni muduge muze ino." Baduga mu gicu baja mw'ijuru abansi babo barorera. 13Uwo mwanya isi iratigita, icacumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi indwi, abarokotse baterwa n'ubwoba, bahimbaza Imana Nyenijuru. 14Ibara rya kabiri riraheze; ehe irya gatatu rigira rize. 15Umumarayika w'indwi avuza inzumbeti; mw'ijuru hakurikira amajwi arenga ati: "Ubwami bw'isi buhindutse ubwo Umwami wacu n'ubwa Kristo wiwe, kandi azohora ahangamye ibihe bitazoshira." 16Ba bakuru mirongo ibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y'Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana 17bati: "Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wakiriye ububasha bwawe buhambaye, ukimikwa." 18Kandi amahanga arashavura, ishavu ryawe riraza, igihe co guciramwo imanza abapfuye kirashika, n'ico kugereramwo abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n'abubaha izina ryawe, aboroshe n'abahambaye, n'ico guhonerezamwo abahonya isi. 19Urusengero rw'Imana rwo mw'ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isandugu y'isezerano ryayo, hakurikira imiravyo, amajwi, imituragaro, gutigita kw'isi n'urubura ruhambaye.

will be added

X\