INTANGAMARARA 1

1Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n'Imana ngo yereke abakozi biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umukozi wiwe Yohana, 2yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry'Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo. 3Harahiriwe uwusoma, harahiriwe n'abumva amajambo y'uku kuvugishwa n'Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo; kuko igihe kiri hafi. 4Jewe Yohana ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Asiya. Ndabipfurije ubuntu n'amahoro biva kuri Iyo iriho, yamyeho kandi igira ize, biva no ku Mpwemu indwi ziri imbere y'intebe yayo, 5no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y'abari barapfuye, uwuganza abami bo mw'isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe, 6akaduhindura ubwami, no kuba abaherezi b'Imana yiwe, ni yo Se; icubahiro n'inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amina. 7Ehe arazanana n'ibicu, kandi ijisho ryose rizomwibonera, n'abamucumise bazomubona; kandi amoko yose yo mw'isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amina. 8Jewe ndi Alufa na Omega, ni ko Umwami Imana avuze, iriho, kandi yamyeho, kandi igira ize, ni yo ishobora vyose. 9Jewe Yohana, umwana wa So, musangiye amarushwa, ubwami n'ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampora ijambo ry'Imana no gushingira intahe Yesu. 10Ku musi w'Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk'iryo inzumbeti, 11rivuga riti: "Ico ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero indwi, ukirungike muri Efeso, i Simuruna, i Perugamo, i Tuwatira, i Sarudi, i Filadelufiya n'i Lawodikiya." 12Mpindukira kuraba ijwi tuvuganye; mpindukiye mbona ibiterekwako amatara indwi vy'izahabu, 13kandi hagati y'ivyo biterekwako amatara mbona uwusa n'Umwana w'umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukaba w'izahabu. 14Kandi umutwe wiwe n'umushatsi vyera nk'ubwoya bw'intama y'umwero, canke nk'ipampa ryera cane n'amaso yiwe yasa n'imbeya z'umuriro; 15ibirenge vyiwe vyasa n'umuringa w'umwakaka, utukujwe n'umuriro; n'ijwi ryiwe ryari rimeze nk'iryo amazi menshi asuma, 16kandi mu kuboko kwiwe kw'i buryo yarafise inyenyeri indwi, mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk'izuba iyo ryatse mu nkomezi zaryo zose. 17Ndamubonye, nikubita imbere y'ibirenge vyiwe nk'uwupfuye; maze anshirako ukuboko kw'i buryo ati: "Ntutinye; jewe ndi uwa mbere kandi ndi uwo iherezo, 18kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi raba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z'urupfu n'izo i kuzimu." 19Nuko wandike ivyo ubonye, ibiriho n'ibizoba hanyuma y'ivyo. 20Ibanga ry'inyenyeri indwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw'i buryo n'ivyo ibiterekwako amatara indwi vy'izahabu, inyenyeri indwi ni zo bamarayika b'ayo mashengero indwi, ibiterekwako amatara indwi na vyo ni vyo mashengero indwi.

will be added

X\