FILIPI 3

1Ibisigaye bavukanyi banje, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira bene ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha. 2Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z'ibibi, mwirinde bamwe bikebagura. 3Kuko tweho turi abahimbuwe igikoba c'ubugabo, dusenga Imana mu buryo bwa Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivyo umubiri; 4naho jewe nokwishimiye ivyo umubiri. Hogira uwundi wese yokwiyumvira kwishimira ivyo umubiri, nomurusha. 5Nahimbuwe igikoba c'ubugabo ku musi ugira umunani, ndi uwo mu bwoko bwa Isirayeli, ndi uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo ndi Umuheburayo. Ku vyo gushimikira ivyagezwe, ndi Umufarisayo; 6ku vyo ishaka nahama ishengero; ku vyo ukugororoka kuzanwa n'ivyagezwe nta wobonye ico angaya. 7Ariko ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira ko ari ubuhombe kubwa Kristo. 8Eka mbere n'ibintu vyose ndavyiyumvira ko ari ubuhombe, kubwo ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubwo uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira ko ari ishano, kugira ngo ndonke Kristo, 9kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabwa uwizeye, 10ngo ndamumenye, menye n'ubushobozi bw'ukuzuka kwiwe, n'ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n'urupfu rwiwe, 11ngo kumbure nshike ku kuzuka kw'abapfuye. 12Si ukugira ngo mpejeje kubihabwa, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubwanje mfatwa na Kristo Yesu. 13Bavukanyi, jeho kubwanje sinibwira yuko maze kugifata, ariko ico nkora ni iki kimwe gusa, nibagira ibiri inyuma, kandi nihutira ibiri imbere, 14ndakovya gushika aho dutanguranirwa, ku mpera y'umuhamagaro w'Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw'ijuru. 15Nuko abatunganijwe uko tungana twiyumvire dutyo; kandi namba hari ico mwiyumvira ukundi, Imana izokibahishurira na co. 16Mugabo rero, ukuri dushitsemwo, tube ari kwo tugenderamwo. 17Bavukanyi, munyigane, mwitegereze abagenda batwigana, nk'uko mudufiseko akarorero. 18Kuko benshi bagenda ukundi, abo nababwiye kenshi, n'ubu ndabababwira ndira, yuko ari abansi b'umusaraba wa Kristo. 19Iherezo ryabo ni uguhona, imana yabo ni inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivyo isi ni vyo bababaye. 20Tweho i wacu ni mw'ijuru, ni ho twiteze Umukiza ko azova, ni we Mwami Yesu Kristo, 21azohindura imibiri y'amagorwa yacu, ishushanywe n'umubiri w'ubwiza bwiwe, nk'uko afise ubushobozi bumubashisha kwigarurira vyose.

will be added

X\