MATAYO 9

1Aja mu bwato, arajabuka, ashika mu gisagara c'i wabo. 2Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: "Humura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe." 3Bamwe mu bahinga b'ivyanditswe baribwira bati: "Uwo aratyojeje." 4Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza ati: "Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?" 5None icoroshe ni ikihe, ni ukuvuga nti: "Uhariwe ivyaha vyawe; canke ni ukuvuga nti: ' Vyuka, ugende?'" 6Ariko kugira ngo mumenye ko Umwana w'umuntu afise ububasha mw'isi bwo guharira ivyaha buno abwira ikimuga ati: "Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe." " 7Aravyuka arataha. 8Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha bene ubwo. 9Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikori. Aramubarira ati:" "Nkurikira." "Ava hasi, aramukurikira. 10Kandi Yesu acicaye mu nzu hamwe kwa Matayo ariko ararya, haza benshi mu batozakori n'abanyavyaha, basangira na Yesu n'abigishwa biwe. 11Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati:" "Ni igiki gitumye umwigisha wanyu asangira n'abatozakori n'abanyavyaha?" 12Avyumvise, aravuga ati: "Abakomeye nta co bagombera umuvuzi, atari abarwaye." 13Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngo imbabazi ni zo ngomba, si ibimazi; kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atari abanyavyaha. 14Kuri we haza abigishwa ba Yohana bati: "Ni igiki gituma twebwe n'Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?" 15Yesu arababaza ati: "Abatowe bobabara bate bakiri kumwe n'umukwe?"Hari imisi izoza umukwe akurwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha. 16Nta wokwomeka ikiraka c'igitambara gishasha ku mpuzu y'umushire, kuko ico kiraka gitabura impuzu, intoboro ikarushiriza kuba nini. 17Nta wotara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato ibombotse; imikuza yoturika, umuvinyu ugashirira hasi, imikuza igapfa. Ariko umutobe w'umuvinyu bawutara mu mikuza mishasha, vyompi bikarama. 18Akibabwira ivyo, haza umukuru w'isengero ry'Abayuda aramupfukamira ati: "Umwana wanje w'umukobwa aracikanye ubu nyene, ni uze se, umurambikeko ikiganza, asubire abe muzima." 19Yesu ava hasi, aramukurikira, bo n'abigishwa biwe. 20Buno umugore atakaza amaraso menshi, yari abimaranye imyaka icumi n'ibiri, amuturuka inyuma, akora ku buyonga bw'impuzu yiwe; 21yari yiyumviriye mu mutima ati: "N'iyo nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira." 22Buno Yesu arakebuka aramubona, aramubwira ati: "Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije." Nya mugore akira uwo mwanya. 23Yesu ashikiriye inzu y'uwo mukuru, abona abavuza imyironge n'abantu benshi bakoma induru, 24arababwira ati: "Ni muhave, kuko umukobwa atahwereye, ariko asinziriye." "Baramutwenga bamushimanga. 25Abantu bamaze guhindirwa hanze, arinjira, amufata ukuboko, umukobwa aravyuka. 26Iyo nkuru ikwira muri ico gihugu cose. 27Yesu avayo, akiriko aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera ziti:" "Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi." 28Ashitse mu nzu, za mpumyi ziza kuri we. Maze Yesu arazibaza ati: "Murizeye ko nshobora kubikora?" Na zo ziti: "Ego me, Mwami." 29Aca akora ku maso yabo ati: "Bibabere nk'uko mwizeye." 30Amaso yabo arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: "Murumva, ntihagire umuntu abimenya." " 31Ariko basohotse bamukwiza muri ico gihugu cose. 32Bano bagisohoka, bamuzanira ikiragi cinjiwemwo na dayimoni. 33Dayimoni amaze gusendwa ico kiragi kiravuga. Kandi ishengero riratangara riti:" "Mu Bisirayeli ntiharibwaboneke ibimeze bityo." 34Ariko Abafarisayo baravuga bati: "Umukuru w'abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni." 35Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu nsengero z'Abayuda, avuga ubutumwa bwiza bw'ubwami, akiza indwara zose n'ubumuga bwose. 36Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bari bagowe, basabagiye nk'intama zitagira umwungere. 37Maze abwira abigishwa biwe ati: "Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bo bake." 38Nuko ni mwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.

will be added

X\