MATAYO 5

1Abonye iryo shengero, aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera. 2Aherako aravuga, arabigisha 3ati: "Harahiriwe aboro mu mitima yabo, kuko ubwami bwo mw'ijuru ari ubwabo." 4Harahiriwe abatuntuye, kuko ari bo bazokwirurwa. 5Harahiriwe abatekereza, kuko ari bo bazoragwa isi. 6Harahiriwe abafise inzara n'inyota vyo kugororoka, kuko ari bo bazohazwa. 7Harahiriwe abagira imbabazi, kuko ari bo bazozigirirwa. 8Harahiriwe abafise imitima itanduye, kuko ari bo bazobona Imana. 9Harahiriwe ababanguranya, kuko ari bo bazokwitwa abana b'Imana. 10Harahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka, kuko ubwami bwo mw'ijuru ari bwabo. 11Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampoye. 12Munezerwe, muhimbarwe, kuko impera zanyu ari nyinshi mw'ijuru; kuko ari ko bahama abavugishwa n'Imana ba mbere. 13Muri umunyu w'isi. Ariko umunyu, iyo ushize uburyohe, uba ukiryoshwa ni igiki? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze ugahonyangwa n'abantu. 14Muri umuco w'isi. Igisagara cubatswe mw'itaba ry'umusozi ntigishobora guhishwa. 15Nta bodomeka itara ngo baryubikeko igiseke, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose. 16Abe ari ko umuco wanyu ubonesha imbere y'abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bashemagize So wo mw'ijuru. 17Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe canke amajambo y' abavugishwa n'Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa. 18Ndababwire ukuri, ijuru n'isi bikiriho nta n'akadome na kamwe canke n'akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa. 19Nuko uwuzorenga ibwirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y'ayandi, akigisha abantu ngo bagire batyo, mu bwami bwo mw'ijuru azokwitwa muto hanyuma y'abandi. Ariko uwuyitondera, akayigisha, uwo we azokwitwa mukuru mu bwami bwo mw'ijuru. 20Ariko ndababwira yuko ukugororoka kwanyu ni kutaruta uko abahinga b'ivyanditswe n'uko Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bwami bwo mw'ijuru. " 21Mwarumvise ko aba kera babwiwe, ngo Ntukice; uwica aba ashikiwe no gutsindwa n'urubanza. 22Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese azoshavurira umuvukanyi wiwe azoba ashikiwe no gushirwa imbere y'intahe; uwuzotuka umuvukanyi wiwe, ngo wa kijuju we! azoba ashikiwe no gutsindwa n'urubanza; uwuzomutuka ati: "Wa gipfu we !" azoba ashikiwe no gutabwa mu muriro wa Gehinomu. 23Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahibukira ko hari ico upfa na mugenzawe, 24usige ishikanwa ryawe imbere y'igicaniro, ubanze ugende utunganye na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe. 25Wuzure vuba n'uwukurega mukiri mu nzira; uwukurega ntagushikirize umucamanza, umucamanza akaguha umusoda, ugashirwa mw'ibohero. 26Ndakubwira ukuri yuko utazohava na gatoya utishuye n'imeya ry'imperera." " 27Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo Ntugasambane. 28Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese araba umugore w'uwundi akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe. 29Ijisho ryawe ry'i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure; vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hako umubiri wawe wose wotabwa muri Gehinomu. 30N'ukuboko kwawe kw'i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure; vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hako umubiri wawe wose woja muri Gehinomu. 31Kandi vyaravuzwe, ngo umuntu wese yirukana umugore wiwe ni amuhe ikete ryo kuvavanura. 32Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amusambanishije, kandi uwuzorongora uwahukanye azoba asambanye." 33Mwarumvise kandi ko aba kera babwiwe, ngo Ntukarahire ngo wirahuruze, ariko uzokorere Uhoraho ivyo wamusezeraniye; 34ariko jeho ndababwire; Ntukarahire na mba; nturahire ijuru, kuko ari intebe y'Imana; 35canke isi, kuko ari yo ndava y'ibirenge vyayo; canke i Yerusalemu, kuko ari umurwa w'Umwami ahambaye. 36Nturahire umutwe wawe, kuko udashobora guhindura agashatsi na kamwe ngo kere canke ngo kirabure. 37Ariko ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi. 38Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo ijisho rihorwe irindi, n'iryinyo rihorwe irindi; 39ariko jeho ndababwire: Ntimurwanye umunyakibi. Uwugukubise urushi mu musaya w'i buryo umuhindukirize n'uwundi; 40umuntu ni yagomba kukuburanya ngo akunyage ikanzu, umuhebere n'umutamana; 41uwugufata ngo umurenze umusozi umwe, umurenze n'uwa kabiri. 42Uwugusaba, umuhe, uwugomba ko umugurana, ntumutere ibitugu. 43Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo mukunde umubanyi wanyu, mwanke umwansi wanyu. 44Ariko jeho ndababwire; Mukunde abansi banyu, musabire ababahama, 45kugira ngo mube abana ba So wo mw'ijuru, kuko atuma izuba ryiwe rirasira ababi n'abeza, kandi aha imvura abagororotsi n'abagabitanya. 46Ni mwakunda ababakunda, muri n'impera ki? Mbega abatozakori bo si ko bagira? 47Ni mwaramukanya n'incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira? 48Mwebwe ni mube intungane, nk'uko So wo mw'ijuru ari intungane.

will be added

X\