MATAYO 4

1Buno Yesu aduganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngo ageragezwe n'Umwansi Satani. 2Amaze imisi mirongo ine n'amajoro mirongo ine yisonzesheje, abona gusonza. 3Umugeragezi aza kuri we ati: "Ni waba uri Umwana w' Imana, bwira aya mabuye acike imitsima." 4Aramwishura ati: "Vyanditswe ngo umuntu ntatungwa n'umutsima gusa, ariko atungwa n'ijambo ryose riva mu kanwa k'Imana." 5Buno Umwansi Satani amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k'urusengero, 6aramubwira ati: "Ni waba uri Umwana w'Imana, ikororere hasi, kuko vyanditswe, ngo azokuragiza abamarayika biwe, Na bo bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw'ibuye." 7Yesu aramubwira ati: "Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe." 8Umwansi Satani yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubwami bwose bwo mw'isi n'ubwiza bwabwo 9ati: "Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga." 10Buno Yesu aramubwira ati: "Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ngo Uhoraho, Imana yawe, ube ari yo usenga, kandi ube ari yo usaba yonyene." " 11Maze Umwansi Satani aramureka, kandi abamarayika baraza, baramukorera. 12Yumvise ko Yohana yashizwe mw'ibohero, aja i Galilaya. 13Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y'ikiyaga mu rubibe rwa Zebuloni na Nafutali, 14ngo ivyanditswe na Yesaya yavugishwa n'Imana bishike, 15ngo igihugu ca Zebuloni n'igihugu ca Nafutali, Aherekeye ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, I Galilaya mu gihugu c'abanyamahanga, 16Abantu bari bicaye mu mwiza, Babonye umuco mwinshi, Kandi abari bicaye mu gihugu c'urupfu no mu gitutu carwo, Umuco urasiye kuri bo. 17Guhera ubwo, Yesu atangura kwigisha ati:" "Mwihane, kuko ubwami bwo mw'ijuru buri hafi." 18Aciye i ruhande y'ikiyaga c'i Galilaya, abona abavukana babiri b'abarovyi, Simoni yitwa Petero na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga mu kiyaga. 19Arababwira ati: "Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu." " 20Baca bareka insenga, baramukurikira. 21Yigiye imbere yaho, abona abandi bavukana babiri, Yakobo umwana wa Zebedayo na mwene nyina Yohana, bari kumwe na se Zebedayo mu bwato, bariko barasanura insenga zabo, arabahamagara. 22Baca bareka ubwato na se, baramukurikira. 23Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu nsengero z'Abayuda, ababwira ubutumwa bwiza bw'ubwami, akiza abantu indwara n'ubumuga vy'uburyo bwose. 24Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bafashwe n'indwara zitandukanye n'ibibasesereje, n'abinjiwemwo n'abadayimoni, n'abarwaye intandara, n'ibimuga; arabakiza. 25Kandi ishengero ryinshi riramukurikira bavuye i Galilaya, i Dekapoli, i Yerusalemu n'i Yudaya no hakurya ya Yorodani."

will be added

X\