MATAYO 28

1Umusi w'isabato ushize, ku wa mbere w'imisi indwi, umutwenzi ugomba gutambika, Mariya Magadalene na Mariya wundi baja kuraba imva. 2Habaho kunyiganyiga kw'isi gukomeye, kuko umumarayika w' Umwami Imana yari amanutse ava mw'ijuru, araza akura ca kibuye agitembagaje, acicarako. 3Ishusho yiwe yasa n'umuravyo, impuzu ziwe zera nk'ipampa. 4Ubwoba yateye abararirizi bubashira mu gatengo, bamera nk' abapfuye. 5Ariko umumarayika abwira ba bagore ati: "Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yesu, umwe yabambwa; 6ntari hano, kuko yazutse, nk'uko yavuze. Ngo murabe aho umwami yari aryamye. 7Ni mukwakwanye mubwire abigishwa biwe yuko yazutse mu bapfuye, kandi azobitangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera. Nuko ni ivyo, ndabibabwiye." 8Bava ku mva ningoga, bari n'ubwoba n'akanyamuneza kenshi, birukanga kubibwira abigishwa biwe. 9Maze Yesu ahura na bo ati: "Ni amahoro." Baramwegera, bamufata ku birenge, baramusenga. 10Maze Yesu arababwira ati: "Ntimutinye; ni mugende mubwire abavukanyi banje ngo baje i Galilaya, ni ho tuzobonanira." 11Bakigenda, bamwe muri ba barinzi baja mu gisagara, babwira abaherezi bakuru ivyabaye vyose. 12Na bo bakoranira hamwe n'abashingantahe baja inama, bahera abo basoda amahera menshi 13bati: "Muzovuge ko abigishwa biwe baje mw'ijoro, baramutwiba dusinziriye." 14Icegera ca Kayisari ni caramuka kivyumvise, tuzomuhwamika, namwe tuzobakiza amagorwa. " 15Bakira ya mahera, bagira nk'uko bohejwe; kandi iryo jambo ryandagara mu Bayuda gushika n'ubu. 16Maze ba bigishwa icumi n'umwe baja i Galilaya ku musozi Yesu yabarangiye; 17bamubonye, baramusenga, ariko bamwe barakekeranya. 18Yesu arabegera, arababwira ati:" "Jewe nahawe ububasha bwose mw'ijuru no mw'isi." 19Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw'izina rya Data wa twese n'iryo Umwana n'irya Mpwemu Yera; 20mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w'isi.

will be added

X\