MATAYO 27

1Umutwenzi utambitse abaherezi bakuru bose n'abashingantahe b'ubwo bwoko bagira inama Yesu ngo bamwice. 2Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icegera ca Kayisari. 3Maze Yuda yamugurishije, abonye Yesu ko bamutsindishije, aricuza, asubiza abaherezi bakuru n'abashingantahe za ntete z'ifeza mirongo itatu 4ati: "Nacumuye, naguze amaraso y'uwutagira icaha." Na bo baramwishura bati: "Bidutwaye iki? Ni ivyawe." 5Aterera izo ntete z'ifeza ahera h'urusengero, aragenda, arimanika. 6Abaherezi bakuru bandura zino feza bati: "Ntizemerwa gushirwa mu mashikanwa, kuko ari ibiguze amaraso." 7Baja inama, bazigura ubwatsi ku mubumvyi, ngo bazohahambe ingenzi. 8Ni co catumye ubwo bwatsi bwitwa "Ubwatsi bw'amaraso", gushika n'ubu. 9Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n'Imana vyashikiye, ngo bakiriye za ntete z'ifeza mirongo itatu, ni zo giciro yaciriwe, uwo bamwe mu Bisirayeli baciriye, 10bazigura ubwatsi n'umubumvyi, nk'uko Uhoraho yambariye. 11Ariko Yesu yari ahagaze mu maso ya ca cegera ca Kayisari; ico cegera kiramubaza kiti: "Ni wewe Mwami w'Abayuda?" Yesu aramwishura ati: "Uravyivugiye." 12Ariko mu vyo arezwe n'abaherezi bakuru n'abashingantahe ntiyishura na rimwe. 13Pilato aramubaza ati: "Ntiwumva ingene bakwagiriza vyinshi?" 14Ariko ntiyamwishura n'ijambo na rimwe, bituma ico cegera gitangara cane. 15Muri iyo misi mikuru icegera camenyereye kurekurira abantu imbohe imwe, iyo bagomba. 16Kandi bari n'imbohe imwe yari rurangiranwa yitwa Baraba. 17Bakoranye, Pilato arababaza ati: "Uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde?" Ni Baraba, canke ni Yesu yitwa Kristo? 18Kuko yamenye yuko ishari ari ryo rimubatangishije. 19Acicaye ku ntebe y'imanza umugore wiwe amutumako ati: "Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko naraye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubwiwe." 20Ariko abaherezi bakuru n'abashingantahe bosha ishengero ngo rimusabe Baraba, ryicishe Yesu. 21Ico cegera kirababaza kiti: "Muri abo bompi uwo mugomba ko ndabarekurira ni nde?" Na bo baramwishura bati: "Ni Baraba." 22Pilato arababaza ati: "None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte?" Bose bati: "Ni abambwe." 23Arababaza ati: "Ni kuki? Yakoze ikibi ki ?" Ariko barushiriza gusemerera cane bati: "Ni abambwe." 24Maze Pilato abonye ko arushwa n'ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugumuko, yakira amazi akarabira imbere y'ishengero ati: "Jeho ndacuna kubwo amaraso y'uwu mugororotsi, ni ivyanyu." 25Abantu bose baramwishura bati: "Amaraso yiwe araba ari twebwe akora n'abana bacu." " 26Maze abarekurira Baraba, ariko Yesu aramutonagura, amutanga ngo abambwe. 27Maze abasoda b'ico cegera ca Kayisari bajana Yesu mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, bateraniriza ingabo zose kuri we. 28Bamwambura impuzu ziwe, bamwambika umutamana w'agahama, 29batsiba igitsibo c'amahwa, bakimwambika mu mutwe, bashira n'irenga mu kuryo kwiwe; baramupfukamira, baramucurira bati:" "Ndagize bwakeye Mwami w'Abayuda !" 30Bamuvuma amate, bamushikura rya renga, barimukubita mu mutwe. " 31Bamaze kumwitamba ku muvyimba, bamwambura wa mutamana, bamwambika impuzu ziwe, bamujana kumubamba. 32Bakirenga irembo bahura n'Umunyakurene yitwa Simoni, uwo baramufata kugira ngo amutwaze umusaraba. 33Bashitse ahantu hitwa i Gologota, risobanurwa ngo ahantu h' agahanga, 34bamuha umuvinyu uvanze n'umuti w'umururazi, ngo awunywe; awumvirije yanka kuwunywa." 35Bamaze kumubamba, bagabura impuzu ziwe, bakoresheje ubupfindo, 36bicara hano baramurinda. 37Hejuru y'umutwe wiwe bahashira ikirego ciwe, canditswe ngo uwu NI YESU, UMWAMI W'ABAYUDA. 38Maze bamubambana n'abambuzi babiri, umwe i buryo, uwundi i bubamfu. 39Abahahita baramutuka, bazunguza imitwe 40bati: "Wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, ni wikize, ni waba uri Umwana w'Imana imanure ku musaraba." 41N' abaherezi bakuru, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe bamucurira batyo na bo 42bati: "Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. Ni Umwami w'Abisirayeli, ni yimanure ku musaraba ubu nyene, duheze tumwizere. 43Yizigiye Imana, ni imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yigira ngo ni Umwana w'Imana." " 44N' abambuzi babambanywe na we na bo barabimutuka. 45Uhereye kw'isaha ya gatandatu ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw'isaha y'icenda. 46Nko kw'isaha y'icenda Yesu asemerera n'ijwi rirenga ati:" "Eli, Eli, lama sabakatani?" Risobanurwa ngo, "Mana yanje, Mana yanje, ni igiki kikumpebesheje?" 47Bamwe mu bahahagaze bavyumvise, baravuga bati: "Uwo ahamagaye Eliya." 48Umwe muri bo aca arirukanga yakira sipongo, ayuzuza inkarisha ayirungikisha irenga, arayimusomesha. 49Ariko abandi bati: "Banza ureke, turabe ko Eliya yoza kumukiza." 50Yesu yongera gusemerera n'ijwi rirenga, umutima uraca. 51Igitambara gikingiriye ahera cane h'urusengero gitabukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka; 52imva ziruguruka, imivyimba myinshi y'abera bari basinziriye irazurwa; 53bava mu mva amaze kuzuka, bashika mu gisagara cera, babonekera benshi. 54Intwazangabo z'abasoda ijana n'abari kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n'ibibaye, baratinya cane bati: "Ni ivyo ukuri, yari Umwana w'Imana." 55Hariho n'abagore benshi bari kure babiraba; ni bo bakurikiye Yesu ava i Galilaya, bamukorera. 56Muri bo harimwo Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yakobo na Yose, na nyina w'abana ba Zebedayo. " 57Ariko bugorovye haza umutunzi w'i Arimataya yitwa Yosefu, kandi na we yari umwigishwa wa Yesu; 58uwo aja kuri Pilato asaba ikiziga ca Yesu. Maze Pilato avuga ko bakimuha. 59Yosefu ajana ico kiziga, akizingira mu mpuzu yera nziza, 60agishira mu mva yiwe nshasha, yari yarimbishije mu bitandara; atembagaza ikibuye kinini acugaza umuryango w'imva, aragenda. 61Mariya Magadalene na Mariya wundi ni ho bari bari, bicaye berekeye ku mva. 62Bukeye bwaho, ni wo musi wakurikira uwo Kwitegura, abaherezi bakuru n'Abafarisayo bakoranira kwa Pilato, 63baramubwira bati:" "Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngo imisi itatu ishize azozuka." 64Nuko ni ugere barinde imva cane gushitsa ku musi ugira gatatu, kugira ngo abigishwa biwe ntibaze kumwiba, bakabwira abantu ngo yazutse mu bapfuye; maze ubuhumvyi bwa nyuma bworuta ubwa mbere. 65Pilato arababwira ati: "Abarinzi ngabo, ni mubajane; muyirindishirize uko muzi." 66Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihomako ishashara, bayidomamwo ikimenyetso, abo barinzi babona.

will be added

X\