MATAYO 26

1Yesu arangije ayo majambo yose, abwira abigishwa biwe 2ati: "Murazi yuko imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kandi Umwana w'umuntu azotangwa abambwe." 3Maze abaherezi bakuru n'abakuru b'ubwo bwoko bakoranira mu rugo rw'umuherezi mukuru yitwa Kayafa, 4baja inama yo guhenda Yesu ngo bamufate, bamwice. 5Ariko bati: "Ntitumufate mu misi mikuru, ntihavyuke umugumuko mu bantu." 6Yesu ari i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, 7umugore aza kuri we afise ikebano ry' amavuta atamirana y'igiciro kinini cane, ayamusuka ku mutwe, ariko ararya. 8Ariko abigishwa babibonye, baritonganya bati: "Mbega ubu buhombe ni ubwo iki? 9Aya yoshoboye kugurwa vyinshi bigahabwa aboro." 10Yesu avyumvise arababwira ati: "Mubabariza iki uwu mugore? Ankoreye igikorwa ciza. 11Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose. 12Igitumye ansukako ayo mavuta ku mubiri ni ukuntegurira guhambwa. 13Ndababwire ukuri, aho ubu butumwa bwiza buzovugwa hose mw'isi yose, n'ico uwu akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe." 14Maze umwe muri bamwe icumi na babiri, yitwa Yuda Isikaryota, aja ku baherezi bakuru, 15arababaza ati: "Mwompera iki, nkazomubaronkera?" "Bamugerera intete z'ifeza mirongo itatu. 16Aherako arondera uburyo bwo kumubaronkera. 17Ku musi wo gutangurirako kurya imitsima itambiwe abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza bati:" "Ugomba ko tugutegurira hehe aho uriburire ivya Pasika?" 18Arabishura ati: "Ni muje mu gisagara kwa ntuze, mumubarire ko umwigisha avuze ngo igihe ciwe kiregereje, 'agira asangirire ivya Pasika n'abigishwa biwe i wawe." 19Abigishwa bagira nk'uko Yesu yababariye, bategura ivya Pasika. 20Bugorovye, yicarana n'abigishwa biwe icumi na babiri ngo basangire. 21Bariko bararya, arababwira ati: "Ndababwira ukuri yuko umwe muri mwebwe agira angurishe." 22Barababara cane, batangura kumubaza umwumwe bati: "Ni jewe ga Mugenzi?" 23Arabishura ati: "Uwo duhuje amaboko mu gukoza mu mubehe, ni we angurisha." 24Umwana w'umuntu agira agende, nk'uko vyanditswe kuri we; ariko uwo muntu agurisha Umwana w'umuntu azobona ibara; uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atavutse. 25Yuda amugurisha aramubaza ati: "Ni jewe ga Mwigisha?" Na we ati: "Ni wewe uvyivugiye." 26Bariko bararya, Yesu yakira umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa ati: "Ni mwakire, murye, uwu ni umubiri wanje." 27Yakira igikombe, agishimira Imana, arakibaha ati: "Ni mukinywereko mwese, 28kuko iki ari amaraso yanje y'isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha. 29Ariko ndababwira yuko uhereye none ntazokwongera kunywa kuri izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bwami bwa Data." 30Bahejeje kuririmba, barasohoka baja ku musozi wa Elayono. 31Maze Yesu arababwira ati: "Mwebwe mwese muri iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z'umukuku zisanzare." 32Ariko ni namara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya. 33Maze Petero aramwishura ati: "Ivyawe naho vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza." 34Yesu aramubwira ati: "Ndakubwira ukuri yuko muri iri joro inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu." 35Petero aramubwira ati: "Naho noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana." N'abigishwa bose bavuga batyo. 36Maze Yesu ashikana na bo ahantu hitwa i Getsemane, abwira abigishwa biwe ati: "Ba muricaye hano, mbanze nje harya gusenga." 37Ajana Petero n'abana ba Zebedayo bompi, atangura kubabara no guhagarika umutima cane. 38Arababwira ati: "Umutima wanje uri n'akabonge kagomba kunyica, ba muragumye aha, mubane maso nanje." 39Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga ati: "Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindengane; ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba." 40Agaruka ku bigishwa, asanga basinziriye, abaza Petero ati: "Ubwo ntimurushe mubana maso nanje n'isaha n'imwe? 41Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, ariko umubiri ufise intege nke." 42Yongera kugenda ubwa kabiri, arasenga ati: "Data, asangwa bidashoboka yuko iki kindengana, kiretse ndakinywereyeko, ni bibe nk'uko ugomba." 43Yongera kugaruka asanga basinziriye, kuko amaso yabo yari aremerewe. 44Yongera kubasigaho, aragenda, asenga ubwa gatatu, avuga amajambo nk'amwe ya mbere. 45Maze agaruka ku bigishwa, arababarira ati: "Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Ehe igihe kirashitse, Umwana w'umuntu ashizwe mu maboko y'abanyavyaha. 46Ni muvyuke, tugende, ehe uwungurishije ari hafi." 47Akivuga, Yuda, umwe muri bamwe icumi na babiri, araza, azananye n'igitero cinshi, kizanye inkota n'amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n'abashingantahe b'ubwo bwoko. 48Ariko uwumugura yari yabahaye ikimenyetso ati: "Uwo nja gusoma azoba ari we; mumufate." 49Ako kanya Yuda ashikira Yesu, aramubwira ati: "Ni amahoro ga Mwigisha?" Maze aramusomagura. 50Yesu aramubarira ati: "Mugenzi wanje, ikikuzanye ni ugikore." Buno baraza, bashorera amaboko kuri Yesu, baramufata. 51Maze umwe mu bari kumwe na Yesu atuma ukuboko, asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi. 52Buno Yesu aramubarira ati: "Subiza inkota yawe ahayo; kuko ababanguye inkota bose bazokwicwa n'inkota." 53Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika barega legiyono icumi na zibiri? 54None ivyanditswe vyoshika bite ko ari ko bikwiye kuba? 55Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero ati: "Mbega muje kumfata nk'umwambuzi, muzanye inkota n'amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?" 56Ariko ivyo vyose bibaye, kugira ngo ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana bishike. " Buno abigishwa bose baramuta, barahunga. 57Abafashe Yesu bamujanye kwa Kayafa, umuherezi mukuru, ni ho abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe bari bakoraniye. 58Ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka, gushitsa ku rugo rw'umuherezi mukuru, ashika imbere, yicarana n'abagendanyi ngo arabe amaherezo. 59Abaherezi bakuru n'abashingantahe b'amasentare bose baronderera Yesu ibirego vy'ibinyoma, ngo babone ingene bomwica. 60Ariko barabibura, naho haje abigize ivyabona benshi. Ubuheruka haza babiri 61bati:" "Uwo yagize ngo yoshobora gusambura urusengero rw'Imana, akarwubaka mu misi itatu." 62Umuherezi mukuru arahaguruka, aramubaza ati: "Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?" 63Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubwira ati: "Ndakurahiye Imana nzima, tubarire ko ari wewe Kristo, Umwana w'Imana." 64Yesu aramwishura ati: "Uravyivugiye; yamara ndababwira yuko uhereye ubu muzobona Umwana w'umuntu yicaye i buryo bw'Ububasha, aje mu bicu vyo kw'ijuru." 65Buno umuherezi mukuru yitabagurirako impuzu ziwe ati: "Ararogose; turacaronderera iki ivyabona? Ehe muriyumviye ingene arogose; 66mubivuga kw'iki?" Na bo baramwishura ko akwiye gupfa. 67Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubingura 68bati: "Yewe Kristo, dupfindure, ni nde agukubise?" 69Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza aho ari iti: "Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya." 70Na we abihakanira mu maso ya bose ati: "Ico uvuze sindanakizi." 71Yungururije mu bikingi vy'irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibarira abari aho iti: "N'uwu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti." 72Yongera kubihakana arahira ati: "Uwo muntu sindanamuzi." 73Hahise akanya, abahagazeho baramwegera, babwira Petero bati: "Ni ivyo ukuri nawe uri uwo muri bo; bitayeko n'imvugo yawe iraguhinyuza." 74Buno atangura kurahira arisiba ati: "Uwo muntu sindanamuzi." Uwo mwanya inkoko irabika; 75Petero yibuka ijambo Yesu yamubwiye ati: "Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu." Arenga irembo, araturika ararira.

will be added

X\