MATAYO 25

1Ico gihe ubwami bwo mw'ijuru buzosa n'inkumi icumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe. 2Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari abanyabwenge. 3Kuko vya bijuju, mu kujana amatara yavyo, bitajananye n'amavuta. 4Ariko abanyabwenge bo, bajananye n'amavuta mu macupa yabo hamwe n'amatara yabo. 5Umukwe agitebaganye bose barahunyiza, barasinzira. 6Mu gicugu humvikana urwamo, ngo nguwu umukwe, ni musohoke mumusanganire. 7Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo. 8Vya bijuju bibwira abanyabwenge biti: "Ni muduhe se ku mavuta yanyu, kuko amatara yacu ariko arazima." 9Ariko abanyabwenge barabishura bati: "Kumbure ntiyodukwira twese; ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire." 10Bakigiye kugura umukwe arashika; abiteguye binjirana na we mu bukwe, umwango urugarwa. 11Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza ziti: "Mupfasoni, mupfasoni, ni utwugururire." 12Na we arabishura ati: "Ndababwire ukuri: Sindabazi." 13Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi canke isaha. 14Bizoba nk'ivyo umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu biwe, abasigarana ivyo atunze. 15Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, uko umuntu wese ashobora, aja mu mahanga. 16Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicuruza, yungukamwo izindi talanto zitanu. 17N'uwa zibiri abigenza atyo, yungukamwo izindi zibiri. 18Ariko uwahawe imwe arigira, yimba mu kuzimu, ahisha amahera ya shebuja. 19Hashize igihe kirekire, shebuja w'abo bantu aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye. 20Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu ati: "Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemwo izindi talanto zitanu." 21Shebuja aramubwira ati: "Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja." " 22Haza uwari yahawe italanto zibiri ati: "Mugenzi, wari wansigaranye italanto zibiri, ehe nungutsemwo izindi talanto zibiri." 23Shebuja aramubwira ati: "Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja." 24Kandi haza uwahawe italanto imwe ati:"Mugenzi, nari nkuzi ko uri umuntu w'ingare, wimbura ivyo utarimye, ukumakuma ivyo utasanzaje; 25ndatinya, ndagenda ndahisha italanto yawe mu kuzimu; ehe ngibi ivyawe."" 26Shebuja aramwishura ati: "Wa muntu wanje mubi we, wa kinebwe we, wari uzi ko nimbura ivyo ntarimye, nkumakuma ivyo ntasanzaje." 27Nuko wari ukwiye kujana amahera yanje mu bayacuruza, nanje nagaruka nkaronka ayanje n'inyungu yayo. 28Nuko ni mumwake italanto, muyihe uwufise italanto icumi. 29Kuko uwufise wese azohabwa, asesekarizwe; ariko uwudafise azokwakwa n'ico yarafise. 30N'uwo muntu wanje w'imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo. 31Ariko Umwana w'umuntu aho azozira afise ubwiza bwiwe ari kumwe n'abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y'ubwiza; 32amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk'uko umwungere arobanura intama mu mpene. 33Intama azoziherereza i buryo bwiwe, impene na zo i bubamfu. 34Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: "Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubwami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw'isi. 35Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nywa; nari ingenzi, mumpa indaro; 36nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kuraba uko meze; nari mw'ibohero, muza kundaba. 37Maze abagororotsi bazomubaza bati: "Mwana, twakubonye ryari ushonje, tukakugaburira; canke ufise inyota, tuguha ico unywa? 38Twakubonye ryari uri ingenzi, tuguha indaro; canke ugenda gusa tukakwambika? 39Twakubonye ryari urwaye, canke uri mw'ibohero, tuza kukuraba?" 40Umwami na we azobishura ati: "Ndababwire ukuri; ko mwabigiriye umwe muri aba bavukanyi banje bari hanyuma y'abandi, ni jewe mwabigiriye." 41Maze azobwira n'abari i bubamfu ati: "Ni mumve i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa mugarariji n'abamarayika biwe. 42Nari nshonje, ntimwangaburira; nari mfise inyota ntimwampa ico nywa; 43nari ingenzi, ntimwampa indaro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw'ibohero, ntimwaza kundaba. 44Maze na bo bazomwishura bati: "Mwana, twakubonye ryari ushonje, ufise inyota, uri ingenzi, ugenda gusa, urwaye canke uri mw'ibohero, ntitwagira ico tugukorera?" 45Maze azobishura ati: "Ndababwire ukuri; ko mutabigiriye umwe muri aba bari hanyuma y' abandi, nanje ntimwabingiriye." 46Abo bazoja mu gihano kidashira, ariko abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.

will be added

X\