MATAYO 24

1Yesu arasohoka ava mu rusengero; akigenda abigishwa biwe baramwegera ngo bamwereke inyubako y'urusengero. 2Arababwira ati: "Ntimubona ivyo vyose?"Ndababwire ukuri, aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi. 3Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwegera bihereranye, baramubaza bati: "Tubwire, ivyo bizobaho ryari, kandi ikimenyetso kizoba ikihe c'ukuza kwawe n'ico umuhero w'isi?" 4Yesu arabishura ati: "Mwirinde, ntihagire uwubazimiza." 5Kuko benshi bazoza mw'izina ryanje bati: "Ni jewe Kristo,"kandi bazozimiza benshi. 6Muzokwumva intambara n'impuha z'intambara, mwirinde, ntimugahagarike imitima; kuko bitazobura kubaho, ariko umuhero uzoba utaraza. 7Kuko ihanga rizotera irindi hanga, n'ubwami buzotera ubundi bwami; amapfa no kunyiganyiga kw'isi bizobaho henshi; 8ariko ivyo vyose ni itanguriro ryo kuramukwa. 9Ni ho bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n'amahanga yose, abahora izina ryanje. 10Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana. 11Kandi hazokwaduka abigira abavugishwa n'Imana benshi, bazimize benshi. 12Maze kuko ubugarariji buzogwira urukundo rw'abenshi ruzotimba. 13Ariko uwihangana, agashitsa kw'iherezo, ni we azokira. 14Kandi ubu butumwa bwiza bw'ubwami buzovugwa mw'isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza. 15Nuko aho muzobonera ca kizira c'ishano c'ubugesera, gihagaze ahantu hera, cavuzwe na Daniyeli yavugishwa n'Imana- uwusoma ni yiyubare 16ico gihe abazoba bari i Yudaya bazohungire ku misozi miremire, 17uwuzoba ari hejuru ku nzu ntazokwururuka no gusahura ibiri mu nzu yiwe, 18uwuzoba ari mu mirima ntazosubira inyuma no gusahura umutamana wiwe. 19Ariko muri iyo misi abazoba batwaye inda n'abonsa bazobona ibara. 20Kandi muzosenge kugira ngo uguhunga kwanyu ntikuzobe mu gatasi canke kw'isabato. 21Kuko muri iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw'itanguriro ry'isi ugashitsa n'ubu, kandi ntazokwongera kubaho. 22Kandi iyo misi iyo itagerurwa ntihorokotse umuntu n'umwe; ariko ku bwo abatoranijwe iyo misi izogerurwa. 23Ico gihe ni hagira umuntu ababwira ati: "Ehe Kristo ari hano,"canke ati: "Ari hariya,"ntimuzovyemere. 24Kuko hazokwaduka abigira Kristo n'abigira abavugishwa n' Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n'ibitangaza, kugira ngo bazimize n'abatoranijwe ni vyashoboka. 25Raba ndabibabwiye bitaraba. 26Nuko ni bababwira bati: "Ehe ari mu bugaragwa,"ntimuzojeyo; canke, ngo ari haruguru mu mpete, ntimuzovyemere. 27Nk'uko umuravyo urabiriza mu buseruko ukabonekera iyo rirengera, ni ko ukuza kw'Umwana w'umuntu kuzomera. 28Aho umuvyimba uri hose, ni ho ibikona bizokoranira. 29Hanyuma y'ayo marushwa y'ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n'ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n'inyenyeri zizokoragurika zive kw'ijuru, n'ivyo inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. 30Buno ikimenyetso c'Umwana w'umuntu kizobonekera kw'ijuru, ni ho amoko yose yo mw'isi azoboroga, bazobona Umwana w'umuntu aje mu bicu vyo kw'ijuru ari n'ububasha n'ubwiza bwinshi. 31Azotuma abamarayika biwe n'ijwi rirenga ry'inzumbeti, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera iyo ijuru ritangurira kugeza iyo riherera. 32Ni mwigire ku musukoni umugani wawo, ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yuko agatasi kari hafi. 33Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muzomenye ko ari hafi, ku rugi. 34Ndababwire ukuri, abo iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika. 35Ijuru n'isi bizorangira, ariko amajambo yanje nta co azoba. 36Ariko uwo musi canke iyo saha nta wubizi, n'iyo boba abamarayika bo mw'ijuru, canke Umwana w' Imana, atari Data gusa. 37Kandi uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw'Umwana w'umuntu. 38Kuko ari ko bari bameze mu misi umwuzure utaribwatere: bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato, 39ntibagira ico bamenya kugeza aho umwuzure waziye ubatwara bose; ni ko ukuza kw'Umwana w'umuntu kuzomera. 40Ico gihe abagabo babiri bazoba mu murima, umwe azojanwa, uwundi arekwe. 41Abagore babiri bazoba bariko barasyera hamwe ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi arekwe. 42Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. 43Ariko ibi mubimenye; iyaba nyene urugo yari asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze ko inzu yiwe yimbwa. 44Nuko namwe mwame mwiteguye, kuko Umwana w'umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye. 45None ni nde mushumba wo kwizigirwa w'ubwenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngo abagaburire igihe kigeze? 46Harahiriwe uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora atyo. 47Ndababwira ukuri yuko azomuha kugaba ivyo afise vyose. 48Ariko umushumba mubi ni yibwira mu mutima wiwe ati: "Databuja aracatevye." 49Maze agatangura gukubita abashumba bakorana no gusangira n'ababorerwa; 50shebuja w'uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi; 51azomuta hanze, amusangize umugabane wiwe n'indyarya, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo.

will be added

X\