MATAYO 22

1Yesu yongera kuvuganira na bo mu migani 2ati: "Ubwami bwo mw'ijuru busa n'umwami atahisha ubukwe bw'umwana wiwe arongora. 3Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abatorewe gutaha ubukwe, banka kuza." 4Yongera gutuma abandi bagendanyi ati:"Mubwire abatowe muti: 'Raba amazimano yiwe yayateguye, ishuri n'ingumba vyiwe vyabazwe, kandi vyose biratunganye; ni muze mutahe ubukwe." 5Ariko barirengagiza barigira, umwe aja mw'itongo ryiwe, uwundi mu bidandazwa vyiwe. 6Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica. 7Uwo mwami araraka, ashuhura ingabo ziwe, ahonya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo. 8Maze abwira abagendanyi biwe ati: "Ubukwe burateguwe, ariko ababutorewe ntibari babukwiye. 9Nuko ni mugende mu mayirabiri, abo muribuboneyo bose mubahamagare, baze babutahe." 10Abo bagendanyi baragenda baja mu nzira bakoranya abo babonye bose, ababi n'abeza; mu bukwe huzura abatowe. 11Umwami yinjiye kuraba abatowe abonamwo umuntu atambaye impuzu y'ubukwe; 12aramubaza ati: "Mugenzi wanje, winjiye ute hano utambaye impuzu y'ubukwe?"Uno nawe arajorerwa. 13Maze umwami abwira abakozi biwe ati: "Ni mumubohe amaboko n'amaguru, mumuterere hanze mu mwiza;"ni ho hazoba amarira n'ukuryanya insya z'amenyo. 14Kuko abatowe ari benshi, ariko abatoranijwe bakaba bake. 15Buno Abafarisayo baragenda baja inama, ngo baronke ingene bomutegera mu majambo yovuga. 16Bamutumako abigishwa babo hamwe n'abantu ba Herode bati: "Mwigisha, turazi yuko uri umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y'Imana vy'ukuri, kandi ko udatinya umuntu n'umwe ku kigohe; kuko udatinya ijunja ry'abantu. 17None utubwire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?" 18Ariko Yesu amenya ububi bwabo, arababaza ati: "Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe? 19Ni munyereke ifaranga ritangwako ikori." Bamuzanira idenariyo. 20Arababaza ati: "Iki gishushanyo n'ibi vyanditsweko ni ivya nde?" 21Bati: "Ni ivya Kayisari." Buno arababwira ati: "Nuko rero ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivyo Imana mubihe Imana." " 22Bavyumvise baratangara, bamusigaho barigira. 23Nya musi Abasadukayo bahakana yuko ata kuzuka kuriho baza kuri we, baramubaza 24bati:" "Mwigisha, Mose yavuze ngo umuntu ni yapfa adasize abana, mwene nyina acure umugore wiwe, ngo ahonore mwene nyina." 25I wacu hari abavukana indwi. Uwa mbere yararongoye, arapfa, maze kuko adasize umwana, umugore wiwe amuraga mwene nyina. 26Nuko n'uwa kabiri, n'uwa gatatu biba bityo gushitsa ku w'indwi. 27Hanyuma ya bose nya mugore arapfa. 28None mw'izuka azoba muka nde muri abo uko ari indwi? Ko bari bamufise bose! 29Yesu arabishura ati: "Mwarazimiye, ko mutamenye ivyanditswe n'ubushobozi bw'Imana." 30Mw'izuka ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa; bazoba nk'abamarayika bo mw'ijuru. 31Ariko ivyo kuzuka kw'abapfuye nta ho murasoma ico Imana yababwiye 32ko ari Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana si iyo abapfuye, ni iyo abariho." " 33Ishengero rivyumvise, ritangazwa n'inyigisho ziwe. 34Abafarisayo bumvise ko Yesu yatangaje Abasadukayo, bakoranira hamwe. 35Umwe muri bo w'umwigisha w'ivyagezwe aramubaza amugeza 36ati:" "Mwigisha, ibwirizwa risumba ayandi mu vyagezwe ni irihe?" 37Aramwishura ati: "Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n'ubugingo bwanyu bwose n'ubwenge bwanyu bwose. 38Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. 39Hari irindi rya kabiri rimeze nka ryo, ni iri: Mukunde abavukanyi banyu nk'uko mwikunda. 40Kuri ayo mabwirizwa yompi ivyagezwe vyose n'amajambo y'abavugishwa n' Imana ni yo bifatiyeko." 41Abafarisayo bagikoraniye hamwe, Yesu arababaza 42ati: "Ivya Kristo muvyiyumvira mute?" Ni mwene nde? Baramwishura bati: "Ni umwana wa Dawidi." 43Na we arababaza ati: "None Dawidi mu vya Mpwemu yamwitiye iki Umwami ?" 44ati: "Uhoraho yabariye Umwami wanje Ati: ' Icara i buryo bwanje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y'ibirenge vyawe.'" 45None Dawidi ko yamwise Umwami, yoshobora ate kuba umwana wiwe? 46Ntihagira uwushobora kumwishura ijambo na rimwe, kandi uhereye kuri uwo musi nta muntu yubahutse gusubira kumubaza ikindi.

will be added

X\