MATAYO 21

1Bageze hafi y'i Yerusalemu, bashikira i Betifage ku musozi wa Elayono, Yesu atuma abigishwa babiri, 2arababarira ati: "Mugende muri iriya mihana iri imbere yanyu, muca mubona indogoba iziritseho n'inyana yayo; muziziture, muzinzanire." 3Ni hagira uwubabaza, mumubwire muti: "Databuja ni we azigomba."Aca azirungika. 4Ivyo vyabayeho ngo ivyavuzwe n'uwavugishwa n' Imana bishike, 5ngo Mubwire umukobwa w'i Siyoni Muti: "Raba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ari uwutekereje, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y'indogoba." 6Abigishwa baragenda, babigenza nk'uko Yesu yababwiye, 7bazana indogoba n'inyana yayo, bazisasako impuzu zabo, yicarako. 8Abenshi mw'ishengero basasa impuzu zabo mu nzira, abandi baca amashami y'ibiti, bayasasa mu nzira. 9Kandi ishengero rimugiye imbere n'irimukurikiye rirasemerera rati: "Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho, Hoziyana mw'ijuru." 10Ashitse i Yerusalemu, igisagara cose kirashwabaduka, barabaza bati: "Uwo ni nde?" 11Abo mw'ishengero barabishura bati: "Uwo ni uwuvugishwa n'Imana, Yesu w'i Nazareti i Galilaya." 12Yesu yinjira mu rusengero rw'Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n'abaruguriramwo bose, ahenura imeza y'abavunja amahera n'intebe z' abariko baragurwako inuma. 13Arababwira ati: "Handitswe ngo ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebwe mwayihinduye nk'isenga ry'abambuzi." 14Maze impumyi n'abacumbagira baza kuri we mu rusengero, arabakiza. 15Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe babonye ibitangaza akoze, n'abana basemererera mu rusengero, ngo Hoziyana mwana wa Dawidi; baritonganya, 16baramubaza bati: "Urumva ivyo bavuga?" Yesu arabishura ati: "Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k'abana bato n'abonka waroranijemwo ishimwe?" " 17Abasigaho, asokoroka mu gisagara, aja i Betaniya, ararayo. 18Kare mu gatondo ariko arasubira mu gisagara, yumva arashonje. 19Abonye umusukoni ku nzira, arawegera, ntiyagira ico awubonako, atari amababi gusa, arawubarira ati:" "Ntugapfe wamye insukoni uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira." Uwo musukoni uca ukabirana uwo mwanya. 20Abigishwa babibonye, baratangara bati: "Mbega uwu musukoni uwu mwanya ukabiranijwe ni igiki?" 21Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri: Iyo muba muri n'ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ico uwu musukoni gusa, ariko mwobwira n'uwu musozi muti: "Shinguka, utabwe mu kiyaga; vyoba ko." 22Kandi ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabwa. 23Yinjiye mu rusengero, ariko arigisha, abaherezi bakuru n'abashingantahe b'ubwo bwoko baza kuri we, baramubaza bati: "Mbega ivyo ukora ubikoreshwa n'ububasha nyabaki? Kandi ni nde yaguhaye ubwo bubasha?" 24Yesu arabishura ati: "Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe; ni mwarinyishura nanje mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo. 25None ukubatiza kwa Yohana kwaturutse hehe? Ni mw'ijuru, canke ni mu bantu?" Baravugana bati: "Ni twavuga ko ari mw'ijuru; ahava atubaza icatubujije kumwemera? 26Kandi ni twavuga ngo ni mu bantu; n'uko dutinya ishengero, kuko bose bavuga yuko Yohana yari uwuvugishwa n'Imana." 27Bishura Yesu bati: "Ntituhazi." Na we ati: "Nuko rero nanje sindababwira ububasha bunkoresha ivyo." 28Muvyumva gute? Habaye umuntu yarafise abahungu babiri, aragenda abarira umukuru ati: "Genda, mwana wanje, uwu musi uje gukora mu ruzabibu." 29Aramwishura ati: "Eka singenda."Maze hanyuma aririmbura, aragenda. 30Aja ku wa kabiri, amubwira kuno. Aramwishura ati: "Ndagiye muvyeyi; ntiyajayo." 31None muri abo bompi ni uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura bati: "Ni uwa mbere." Yesu arababwira ati: ""Ndababwira ukuri yuko abatozakori n'abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bwami bw'Imana." 32Kuko Yohana yaje muri mwebwe agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Ariko abatozakori n'abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere. 33Ni mwumve uwundi mugani. Habaye nyene urugo yateye umurima w'inzabibu; awuzitirira uruzitiro, yimbamwo ubwato bw'ikinogo, yubakamwo umutara, awusigarana abarimyi, aja mu kindi gihugu." " 34Nuko igihe c'iyera kigomba kugera, atuma abakozi biwe kuri ba barimyi ngo babahe inzabibu ziwe. 35Maze abo barimyi bafata babakozi biwe, umwe baramushishagura, uwundi baramwica, uwundi bamutera amabuye. 36Yongera gutuma abandi bakozi barengeye aba mbere; babagira kuno. 37Hanyuma abatumako umwana wiwe ati: "Bazosonera umwana wanje." 38Abo barimyi babonye wa mwana wiwe, baravugana bati: "Urya ni we samuragwa: ni muze tumwice, tuzokwegukire umugabane wiwe." 39Baramufata bamuhindira inyuma y'umurima w'inzabibu, baramwica. 40None nyene umurima ni yiyizira azogira ate, abo barimyi?" 41Baramwishura bati: "Abo babi azobica rubi, umurima w'inzabibu na we awusigarane abandi barimyi, bazohora bamuha inzabibu igihe cazo." 42Yesu arababaza ati: "Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngo ibuye abubatsi bagaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ivyo vyavuye k'Uhoraho, Kandi ni igitangaza mu maso yacu? 43Ni co gitumye ndababwira yuko ubwami bw'Imana muzobwakwa, bugahabwa ihanga ryama imbuto zabwo. 44Ariko uwuzogwa kuri iryo buye azovunagurika; ariko uwo rizogwako rizomuvungura." 45Maze abaherezi bakuru n'Abafarisayo bumvise iyo migani yiwe, bamenya ko ari bo avuga. 46Barondeye ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamwiyumvira ko ari uwuvugishwa n'Imana.

will be added

X\