MATAYO 16

1Abafarisayo n'Abasadukayo baraza, barondera bamugeza ko abereka ikimenyetso kiva mw'ijuru. 2Na we arabishura ati: "Iyo bugorovye, muvuga ko buca haba umuco, kuko ijuru rikeye." 3Mu mutwenzi, muvuga muti: "Hagira hafurungane, kuko ijuru ritukura, kandi ryiraburaniwe."Murazi kugenzura ijuru uko risa, ariko ibimenyetso vy'ibihe ntimuzi kubigenzura. 4Abo igihe kibi c'ubuhumbu barondera ikimenyetso, kandi nta kimenyetso bazohabwa, atari ikimenyetso ca Yona. "Abasigaho, arigira. 5Abigishwa bafata hakurya, bari bibagiye gutekera imitsima. 6Yesu arababwira ati:" "Mugabe, mwirinde umwambiro w'Abafarisayo n'Abasadukayo." 7Biburanya bati: "Ntitwatekeye imitsima." 8Yesu arabimenya, arababaza ati: "Yemwe abo ukwizera guke, ni igiki gitumye mwiburanya ngo nta mitsima mufise? 9Ntimuraruha mubimenya, ntimwibutse ya mitsima itanu ku bihumbi bitanu, n'ibiseke mwegeranije uko vyangana? 10Canke ya mitsima indwi ku bihumbi bine, n'ibiseke mwegeranije uko vyangana? 11Ni igiki kibabujije gutahura ko ntababwiye imitsima? Ariko mwirinde umwambiro w'Abafarisayo n'Abasadukayo." " 12Buno batahura ko atababwiye kwirinda umwambiro w'umutsima butsima, ariko ko ari inyigisho z'Abafarisayo n'Abasadukayo. 13Yesu aja mu misozi ihera i Kayisariya mu bwa Filipo, abaza abigishwa biwe ati:" "Abantu bagira ngo Umwana w'umuntu ndi nde?" 14Na bo bati: "Bamwe bagira ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya," " abandi ngo uri Yeremiya canke umwe mu bavugishwa n'Imana." 15Arababaza ati: "Ariko mweho, mugira ngo ndi nde?" 16Simoni Petero aramwishura ati: "Uri Kristo, Umwana w'Imana nzima." 17Yesu aramwishura ati: "Uri umuhirwe, Simoni umwana wa Yona, kuko ata w'inyama n'amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw'ijuru." 18Nanje ndakubwira yuko uri Petero, kandi kuri urwo rutare nzorwubakako ishengero ryanje, kandi amarembo y'i kuzimu ntazorishobora. 19Nzoguha impfunguzo z'ubwami bwo mw'ijuru; kandi ico uzoboha mw'isi kizoba kiboshwe mw'ijuru; n'ico uzobohora mw'isi kizoba kibohowe mw'ijuru. " 20Maze yihanikiriza abigishwa ngo ntihagire umuntu babwira ko ari we Kristo. 21Kuva ubwo, Yesu atangura guserurira abigishwa biwe ko akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bwinshi, ababazwa n'abashingantahe, abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu. 22Petero aramwihererana, atangura kumwamira ati:" "Ntibikabe, Mwami wanje, ntibizokubeko namba." 23Ahindukirira Petero ati: "Herera inyuma yanje, Satani; uri ikintsitaza, kuko ivyo Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivyo abantu." 24Buno Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire." 25Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe kubwanje azoburonka. 26Kandi umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw'isi vyose abitangiye ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki ngo acungure ubugingo bwiwe? 27Kuko Umwana w'umuntu azohava aza afise ubwiza bwa Se, azananye n'abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze. 28Ndababwire ukuri; muri aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w'umuntu aje mu bwami bwiwe.

will be added

X\