MATAYO 15

1Maze Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe baza kuri Yesu bavuye i Yerusalemu, baramubaza 2bati: "Ni kuki abigishwa bawe barenga imigenzo twabwirijwe n'aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?" 3Na we arababaza ati: "None mweho, ni igiki catumye murenga icagezwe c' Imana ku bwo imigenzo yanyu?" 4Kuko Imana yavuze iti: "Wubahe so na nyoko;"kandi iti: "Uwututse se canke nyina ntazobure kwicwa." 5Ariko mweho, mugira muti: "Umuntu wese abwira se canke nyina ko ico yari kumufashisha ari co azoshikanira Imana, 6ntiyubahe se canke nyina."None mwatituye ijambo ry'Imana ku bwo imigenzo yanyu. 7Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n'Imana kuri mwebwe 8ati: "Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Ariko imitima yabo iri kure yanje." 9Bansengera ubusa, Kuko inyigisho bigisha ari ivyagezwe n'abantu. 10Ahamagara ishengero araribwira ati: "Ni mwumve, mubitahure. 11Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; ariko ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya." 12Buno abigishwa baramwegera, baramubarira bati: "Urazi yuko Abafarisayo bumvise iryo jambo bakavunika umutima?" 13Arabishura ati: "Icatewe cose kidatewe na Data wo mw'ijuru atateye, kizorandurwa." 14Ni mubareke! Ni impumyi zijana izindi. Ariko impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo. 15Petero Aramwishura ati: "Dusobanurire uwo mugani." 16Na we aramubaza ati: "Mbega namwe muracari imburabwenge? 17Ntimutahura yuko ikintu cose kigiye mu kanwa kija mu nda kigaca mu nzira yaryo? 18Ariko ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya. 19Kuko mu mutima havamwo ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubwivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi. 20Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya." 21Yesu arahava, aja hafi muri Tiro n'i Sidoni. 22Umunyakananikazi ava mu ntara yaho aratakamba ati: "Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi, umukobwa wanje afashwe nabi na dayimoni." 23Na we ntiyamwishura ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baza kuri we, baramwinginga bati: "Murungike, kuko agenda aratuvugiriza induru inyuma." 24Arabishura ati: "Sinatumwe ku bandi, atari ku ntama zazimiye z'inzu ya Isirayeli." 25Uwo Munyakananikazi amushikiriye aramupfukamira ati: "Ntabara se Mugenzi." 26Yesu aramwishura ati: "Si vyiza gufata umutsima w' abana ukawuterera utubwa." 27Na we ati: "Nka ko, Mugenzi, kuko utubwa na two twirira utuvunguka dukorokera musi y'imeza ya ba nyene two." 28Buno Yesu aramwishura ati: "Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje; bikubere nk'uko ugomba." "Umukobwa wiwe aca akira uwo mwanya. 29Yesu arahava, aja ku kiyaga c'i Galilaya, aduga umusozi, yicaraho. 30Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira, ibimuga, impumyi, ibiragi, n'abandi benshi, babashira imbere y'ibirenge vyiwe, arabakiza. 31Bituma ishengero ritangara ribonye ibiragi bivuga, ibimuga bikomera, abacumbagira bagenda neza n'impumyi zibona; bahimbaza Imana y'Abisirayeli. 32Yesu ahamagara abigishwa biwe ati:" "Ishengero rinteye akagongwe, kuko uwu ari umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwire isari mu nzira." 33Abigishwa baramubaza bati: "Twokura hehe muri ubu bugaragwa imitsima ingana ityo yo guhaza iri shengero ringaho?" 34Yesu arababaza ati: "Mufise imitsima ingahe?" Na bo bati: "Ni indwi, n'udufi dukeya." 35Abarira ishengero ngo ryicare hasi. 36Yakira ya mitsima indwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero. 37Bararya bose, barahaga; begeranya imisigazwa y'utumanyagu, yuzura ibiseke indwi. 38Abariye bari abagabo ibihumbi bine, abagore n'abana bataharuwemwo. 39Asezera ishengero, atambukira mu bwato, aja mu gihugu c'i Magadani.

will be added

X\