MATAYO 13

1Kuri uwo musi Yesu asohoka ava mu nzu, yicara ku nkombe y'ikiyaga. 2Ishengero ryinshi rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bwato, yicaramwo; ishengero ryose rihagarara i musozi. 3Ababwira vyinshi mu migani, aravuga ati: "Umubivyi yasohoye imbuto." 4Akibiba, zimwe zigwa i ruhande y'inzira, inyoni ziraza, zirazinobagura. 5Izindi zigwa ku rutare, hatari ivu ryinshi; zica zimera vuba, kuko ata vu ryinshi ririho. 6Izuba rirashe, ziraraba, kuko ata mizi zifise, ziruma. 7Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha. 8Izindi zigwa mw'ivu ryiza, zihunda impeke, zimwe ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu bityobityo. 9Uri n'amatwi ni yumve. 10Abigishwa baramwegera, baramubaza bati: "Mbega ikigutera kubigishiriza mu migani ni igiki?" 11Arabishura ati: "Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y'ubwami bwo mw'ijuru, ariko bo ntibabihawe." 12Kuko uwufise azohabwa, bikamucagatira; ariko uwudafise azokwakwa n'ico yari asanzwe afise. 13Igituma ndababwirira mu migani, ni uko iyo baraba batabona; kandi iyo bumva batumva, badatahura. 14Kandi ivyo uwavugishwa n' Imana Yesaya yavuze, bibashitseko, ngo kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; Kuraba muzoraba, ariko ntimuzoruha muvyihweza. 15Kuko umutima w'ubu bwoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza; Ngo ntibarabishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Ndabakize. 16Ariko amaso yanyu arahiriwe, kuko abona, n'amatwi yanyu, kuko yumva. 17Ndababwira ukuri yuko abavugishwa n'Imana benshi n'abagororotsi benshi banyoterewe kubona ivyo mubona, ntibabibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibavyumva. 18Nuko mweho ni mutahure umugani w'umubivyi. 19Uwumva wese ijambo ry'ubwami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibwe mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibwe i ruhande y'inzira. 20Uwabibwe ku rutare ni we yumva ijambo, agaca aryakirana umunezero; 21ariko ntagira imizi muri we, ahagarara umwanya muto; iyo yadutsweko n'amarushwa bo n'akadenderezo azira iryo jambo, bica bimutsitaza. 22Uwabibwe mu mahwa ni we yumva iryo jambo, ariko umwitwaririko w'ivyo isi n'uruhendo rw'ubutunzi bikanyoha iryo jambo, ntiyame imbuto. 23Uwabibwe mw'ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongo itandatu, uwundi mirongo itatu, bityobityo. 24Abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bwo mw'ijuru busa n'umuntu yabivye imbuto nziza mu murima yiwe. 25Abantu basinziriye, haza umwansi wiwe abiba urwamfu mu buro hagati, arigira." 26Bumaze gusesa no kuyangika, urwamfu ruca ruraboneka. 27Abashumba ba nyene urugo baraza baramubaza bati: "Mbega mutungwa, ntiwabivye imbuto nziza mu murima wawe? None urwamfu rwavuye hehe?" 28Na we ati: "Ni umuntu w'umwansi yagize atyo."Ba bashumba baramubaza bati: "None uragomba ko tugenda kurutororokanya?" 29Ati: "Oyaye, kuko kumbure mu kurandura urwamfu mworandurana n'uburo. 30Mureke bikurane vyose gushitsa mw'igenya."Maze mu gihe c'igenya nzobwira abagenyi nti: "Mubanze mutororokanye urwamfu, murutekere imikama, muruturire; ariko uburo mubwimburire mu kigega canje." 31Abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bwo mw'ijuru busa n'akabuto ku giti, umuntu yakiriye akagatera mu murima wiwe." 32Kandi ni kanzinya hanyuma y'imbuto zose, ariko iyo gakuze kaba kanini kakaruta ibirimwa vyose, kakaba igiti. Maze inyoni zo mu kirere zikaza zikarika mu mashami yaco. 33Abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bwo mw'ijuru busa n'umwambiro, umugore yakiriye akawuvanga n'ingero zitatu z'ifu, gushitsa aho iribututumbire yose." 34Ivyo vyose Yesu yabibwiye ishengero mu migani, nta co yababwiye atabaciriye umugani. 35Ni co catumye ivyo umuntu yavugishwa n'Imana yavuze biboneka, ngo Nzoteranura akanwa kanje, nce imigani, Nzovuga ivyahishijwe uhereye ku kuremwa kw'isi. 36Maze asezera ishengero, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri we bati: "Dusobanurire umugani w'urwamfu rwo mu murima." 37Na we arabishura ati: "Uwubiba imbuto nziza ni Umwana w'umuntu." 38Imirima ni isi. Imbuto nziza ni bo bana b'ubwami. Urwamfu ni abana ba wa Mubi. 39Umwansi yarubivye ni wa mugarariji. Igenya ni umuhero w'isi. Abagenyi ni abamarayika. 40Nk'uko urwamfu rutororokanywa rugaturirwa mu muriro, ni ko bizoba ku muhero w'isi. 41Umwana w'umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n'abakoze ibizira, babikure mu bwami bwiwe. 42Bazobaterera mw'itanure ry'umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z' amenyo. 43Buno abagororotsi bazokwaka nk'izuba mu bwami bwa Se. Uwuri n'amatwi ni yumve. " 44Ubwami bwo mw'ijuru busa n'izahabu zanyegejwe mw'itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushora ivyo afise vyose, agura iryo tongo. 45Kandi ubwami bwo mw'ijuru busa n'umudandaza arondera utubuye tw'igiciro twiza. 46Abonye akabuye kamwe, k'igiciro kinini, aragenda, ashora ivyo afise vyose, arakagura. 47Kandi ubwami bwo mw'ijuru busa n'urusenga runiniya rwaterewe mu kiyaga, rukoranya ifi z'ubwoko bwose. 48Rwuzuye, barukwegera i musozi, baricara barobanurira inziza mu giseke, imbi barazita. 49Uko ni ko bizoba ku muhero w'isi. Abamarayika bazoza, barobanure ababi mu bagororotsi, 50babaterere mw'itanure ry'umuriro; ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z' amenyo. 51Mbega ivyo murabitahuye vyose?" Baramwishura bati: "Ego me." 52Na we arababwira ati: "Ni co gituma umuhinga w'ivyanditswe wese, amaze guhinduka umwigishwa w'ivyo ubwami bwo mw'ijuru asa na nyene urugo asokorora mu vyo atunze ibintu bisha n'ivya kera." 53Yesu amaze guca iyo migani, avayo. 54Aja mu ntara y'i wabo, yigishiriza mu rusengero rw'Abayuda, bituma batangara bati: "Ubu bwenge n'ivyo bitangaza mbega uwu yabikuye hehe?" " 55Mbega si wa mwana w'umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya, kandi abavukana na we si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda? 56Bashiki biwe ntibari i wacu bose? None ivyo vyose yabikuye hehe?" 57Ivyiwe birabatsitaza. Yesu arababwira ati: "Umuntu avugishwa n'Imana ntabura icubahiro atari mu ntara y'i wabo no mu nzu y'i wabo." 58Kandi nta bitangaza vyinshi yahakoreye, kubwo ukutizera kwabo.

will be added

X\