MATAYO 12

1Muri ico gihe Yesu aca mu mirima y'ingano kw'isabato. Abigishwa biwe bashonje, batangura kumyoza ingano, barazihekenya. 2Abafarisayo babibonye, baramubwira bati: "Mbega abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw'isabato!" 3Na we arababaza ati: "Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yari asonzanye n'abari kumwe na we; 4ingene yinjiye mu nzu y'Imana, akarya imitsima yagenewe gushikanirwa Imana, yari umuziro kuri we no ku bari kumwe na we, uretse abaherezi bonyene? 5Canke nta ho murasoma mu vyagezwe ingene kw'isabato abaherezi, iyo bari mu rusengero, bazirura isabato, ntibabeko igicumuro?" 6Ariko ndababwira yuko hano hari uwuruta urusengero. 7Iyo muba mwari muzi iri jambo ico rivuga, ngo imbabazi ni zo ngomba, si ibimazi; ntimuba mutsindishije abatariko igicumuro. 8Kuko Umwana w'umuntu ari Umwami w'isabato. 9Avayo, yinjira mu rusengero rw'Abayuda. 10Kandi harimwo umuntu anyunyutse ukuboko. Baramubaza bati: "Mbega biremerwa gukiza kw'isabato? Ngo baronke uko bomurega." 11Arabishura ati: "Ni nde muri mwebwe yoba afise intama imwe ikagwa mu cobo kw'isabato, ntayifate ngo ayikureyo?" 12Mbega none umuntu ntaruta intama cane? None rero biremerwa gukora ivyiza kw'isabato. 13Maze abwira uwo muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe." Arakugorora, kurakira, gukomera nk'ukundi. 14Abafarisayo barasohoka, bamugira inama ngo babone ingene bomwica. 15Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose. 16Arabihaniza ngo ntibagende baramwandagaza, 17ngo ivyavuzwe n'uwavugishwa n'Imana Yesaya bishike, 18ngo nguwu umushumba wanje natoranije, Nkunda, ahimbara umutima wanje; Nzoshira Mpwemu wanje kuri we, Azomenyesha abanyamahanga imanza azocibwa. 19Ntazosinda, kandi ntazoyogora, Kandi nta wuzokwumva ijwi ryiwe mu nzira; 20Ntazohohosha irenga rivunitse, N'urumuri ruyenga ntazoruzimya, Gushitsa aho azotsindira intahe; 21Kandi izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira. 22Maze bamuzanira impumyi y'ikiragi yinjiwemwo na dayimoni, arayikiza; ico kiragi kiravuga, kirahumuka. 23Ishengero ryose rirumirwa riti: "Mbega uwu yoba wa mwana wa Dawidi?" 24Ariko Abafarisayo bavyumvise baravuga bati: "Uwu nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni, atari Beyezebuli, umukuru w'abadayimoni." 25Amenye ivyo biyumvira, arababwira ati: "Ubwami bwose iyo bwitandukanije ubwabwo burahona. Igisagara cose n'umuryango wose iyo vyitandukanije ntibirama." 26Na Satani, yosenda Satani, yoba yitandukanije ubwiwe; none ubwami bwiwe bworama bute? 27Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha. 28Ariko Mpwemu w'Imana ni yaba ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, noneho ubwami bw' Imana burabashikiriye. 29None umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y'umuntu w'inkomezi kumusahura ibintu atabanje kuboha wa munyenkomezi? Maze akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. 30Uwutamperereyeko ni umwansi wanje, kandi uwudasukiranya nanje arasanzaza. 31Kubwo ivyo ndababwira yuko icaha cose n'ugutyoza, abantu bazobiharirwa; ariko ugutyoza kuri Mpwemu ni icaha kitazoharirwa. 32Umuntu wese azotyoza umwana w'umuntu azobiharirwa, ariko uwutyoza Mpwemu Yera ntazobiharirwa, naho hoba muri iki gihe canke mu gihe kizoza. 33Ni mube muvuga igiti ko ari ciza n'ivyo camye ko ari vyiza, canke mube muvuga igiti ko ari kibi n'ivyo camye ko ari bibi; kuko igiti kimenyekanira ku vyo camye. 34Mwa bana b'inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibogaboga mu mutima ni vyo akanwa kavuga. 35Umunyangeso nziza akura ivyiza mw'itunga ryiwe ryiza; umunyangeso mbi akura ibibi mw'itunga ryiwe ribi. 36Kandi ndababwira yuko ijambo ryose risunitswe n'impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w'imanza. 37Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke amajambo yawe ni yo azotuma utsindwa. 38Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe bamwe baramubwira bati: "Mwigisha, turagomba kuraba ikimenyetso ukora." 39Arabishura ati: "Abo uruvyaro rubi rw'uguhemuka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabwa, atari ikimenyetso c'uwavugishwa n'Imana Yona." 40Nk'uko Yona yamaze imisi itatu n'amajoro atatu mu nda y'urufi, ni ko n'Umwana w'umuntu azomara imisi itatu n'amajoro atatu i kuzimu. 41Abagabo b'i Ninewe bazovana hasi n'abo uru ruvyaro ku musi w'imanza, babatsindishe; kuko bihanye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi raba, uwuruta Yona ari hano. 42Umwamikazi w'igihugu co mu bumanuko azovana hasi n'abo iki gihe ku musi w'imanza, abatsindishe; kuko yavanywe ku mpera y'isi no kwumva ubwenge bwa Salomo; kandi raba, uwuruta Salomo ari hano. 43Impwemu ihumanye iyo ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura. 44Ikavuga iti: "Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo."Ihashitse, igasanga igaragara, ikubuye, iteguritse. 45Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu indwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy'uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b'iki gihe kibi. 46Akivugana n'ishengero, nyina n'abavukanyi biwe bari bahagaze hanze, bagomba kubonana na we. 47Umwe aramubwira ati: "Erega umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze, baragomba ko mubonana." 48Yishura uno abimubwiye ati: "Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde?" 49Atunga urutoke abigishwa biwe ati: "Ngaba mama na bene mama." 50Kuko umuntu wese akora ivyo Data wo mw'ijuru agomba ari we murumunanje, mushikanje na mama.

will be added

X\