MATAYO 10

1Ahamagara abigishwa biwe icumi na babiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye n'ubwo kuzisenda, no gukiza indwara zose n'ubumuga bwose. 2Amazina y'izo ntumwa icumi na zibiri ni aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, mwene nyina Andereya, Yakobo umwana wa Zebedayo, mwene nyina Yohana, 3Filipo, Barutolomayo, Toma, Matayo umutozakori, Yakobo umwana wa Alufayo, Tadayo, 4Simoni Umunyakananayo na Yuda Isikaryota, umwe yamugura. 5Yesu atuma abo icumi na babiri arababarira ati: "Ntimuzojane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy'Abasamariya. 6Ariko muje mu ntama zazimiye zo mu nzu ya Isirayeli. 7Uko mugenda kwose mwigishe muti: 'Ubwami bwo mw'ijuru buri hafi.' 8Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi. 9Ntimutekere izahabu canke amahera canke ibingorongoro mu mipfuko yanyu, 10canke isaho y'induhuro, kandi ntimujane n'amakanzu abiri, canke ibirato canke inkoni, kuko umukozi akwiye impembo yiwe. 11Igisagara cose canke imihana muzoshikamwo, muhabaze uwubereye, mumurarire gushitsa aho muzovirayo. 12Mucinjira mu nzu muyiramutse; 13nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako. 14Kandi umuntu ni atabakira, canke ngo yumve amajambo yanyu, muve muri ino nzu canke muri nya gisagara, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu. 15Ndababwire ukuri, ku musi w'imanza igihugu c'i Sodomu n'i Gomora kizogira agahengekezo kurusha nya gisagara." 16Raba ndabatumye muri nk'intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubwenge nk'inzoka, mumere nk'inuma ata karohe. 17Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu nsengero zabo. 18Bazobajana imbere y'abaganza n'abami babampora, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n'abanyamahanga. 19Ariko babashengeranye, ntimuzohagarikire imitima ico muvuga n'ingene muzokivuga, kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri ako kanya. 20Kuko atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu wa So avugira muri mwebwe. 21Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w'umwana azomushengerana, n'abana bazogabagabira abavyeyi babicishe. 22Muzoba mwanswe na bose babahora izina ryanje; ariko uwihangana agashitsa kw'iherezo ni we azokira. 23Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi; kuko ndababwira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy'i Bwisirayeli, Umwana w'umuntu ataraza. 24Umwigishwa ntaruta umwigisha; kandi n'umushumba ntaruta shebuja. 25Umwigishwa biramubereye kumera nk'umwigisha wiwe, n'umushumba nka shebuja. Nyene urugo ko bamwise Beyezebuli, none abo mu rugo rwiwe ntibazorushiriza kubita batyo? 26Nuko ntimuzobatinye, kuko ata catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana. 27Ico ndababaririra mu mwiza muzokivugire mu muco, kandi ico mwongorewe mu gutwi muzokivugire ku mazu hejuru. 28Ntimuzotinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo, canecane mutinye uwushobora guhonereza ubugingo n'umubiri muri Gehinomu. 29Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. 30Ariko n'umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharuwe. 31Nuko ntimutinye: mwebwe muruta utunyoni twinshi. 32Umuntu wese azonyaturira imbere y'abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw'ijuru. 33Ariko umuntu wese azonyihakanira imbere y'abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw'ijuru. 34Ntimwiyumvire ngo naje gutera amahoro mw'isi, sinaje gutera amahoro, atari inkota. 35Kuko naje guteranya umwana na se, umukobwa na nyina, umukazana na inabukwe. 36Kandi abansi b'umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe. 37Uwukunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye; kandi uwukunze umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye. 38Kandi uwutikoreye umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntaba ankwiye. 39Uwurokora ubugingo bwiwe azobubura; n'uwuheba ubugingo bwiwe kubwanje azoburonka. 40Uwubakiriye aba anyakiriye, kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye. 41Uwakira umuntu avugishwa n'Imana kuko avugishwa na yo azohabwa impera nk'iyo uwuvugishwa n'Imana; uwakira umuntu agororotse kuko agororotse azohabwa impera nk'iyo umugororotsi. 42Kandi uwuzoha umwe muri abo bato urwato rw'amazi apfutse gusa kuko ari umwigishwa, ndababwira ukuri yuko atazobura impera yiwe.

will be added

X\