MATAYO 1

1Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi. Dawidi ni umwana wa Aburahamu. 2Aburahamu yavyaye Isaka. Isaka yavyaye Yakobo. Yakobo yavyaye Yuda n'abandi bavukana. 3Yuda yavyaye Peresi na Zera kuri Tamari. Peresi yavyaye Hesironi. Hesironi yavyaye Ramu. 4Ramu yavyaye Aminadabu. Aminadabu yavyaye Nahasoni. Nahasoni yavyaye Salumoni. 5Salumoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu. Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi. Obedi yavyaye Isayi. 6Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya. 7Salomo yavyaye Rehobowamu. Rehobowamu yavyaye Abiya. Abiya yavyaye Asa. 8Asa yavyaye Yehoshafati. Yehoshafati yavyaye Yoramu. Yoramu yavyaye Uziya. 9Uziya yavyaye Yotamu. Yotamu yavyaye Ahazi. Ahazi yavyaye Hezekiya. 10Hezekiya yavyaye Manase. Manase yavyaye Amoni. Amoni yavyaye Yosiya. 11Yosiya yavyaye Yekoniya n'abandi bavukana, mu gihe co kujanwa mu buja i Babuloni. 12Kuva mu gihe co kujanwa mu buja i Babuloni Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli. 13Zerubabeli yavyaye Abihudi. Abihudi yavyaye Eliyakimu. Eliyakimu yavyaye Azori. 14Azori yavyaye Sadoki. Sadoki yavyaye Akimu. Akimu yavyaye Elihudi. 15Elihudi yavyaye Eleyazari. Eleyazari yavyaye Matani. Matani yavyaye Yakobo. 16Yakobo yavyaye Yosefu, umugabo wa Mariya nyina wa Yesu yitwa Kristo. 17Nuko ba sekuruza bose guhera kuri Aburahamu gushitsa kuri Dawidi n'icumi na bane, kandi guhera kuri Dawidi gushitsa ku gihe co kujanwa mu buja i Babuloni ni icumi na bane, kandi guhera ku gihe co kujanwa mu buja i Babuloni gushitsa kuri Kristo ni icumi na bane nyene. 18Ukuvuka kwa Yesu Kristo kwabaye gutya: Mariya, nyina wiwe yari, akowe na Yosefu ataramurongora bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera. 19Ariko umugabo wiwe Yosefu, kuko ari umugororotsi, kandi kuko atagomvye kumutetereza, yiyumvira kumubengera mu mpisho. 20Akivyiyumvira, umumarayika w' Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira ati: "Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kuko atwaye inda ya Mpwemu Yera. 21Azovyara umwana w'umuhungu, nawe uzomwite YESU, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo." 22Ivyo vyose vyabaye bityo ngo ivyo Umwami Imana yavugiye mu kanwa k'uwavugishwa na we biboneke, 23ngo raba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w'umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngo Imana iri kumwe natwe. 24Yosefu yikanguye aravyuka, agira nk'uko umumarayika w'Umwami Imana yamubariye, arongora umugeni wiwe. 25Kandi ntiyigera amwegera gushitsa aho yavyariye umwana w'umuhungu; araheza amwita YESU.

will be added

X\