MARIKO 8

1Muri iyo misi hongera kuba ishengero ryinshi, babura ivyo kurya; ahamagara abigishwa, arababarira 2ati: "Ishengero rinteye akagongwe, kuko uwu ari umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. 3Nobasezera ngo basubire i wabo bashonje, bogwira isari mu nzira, kandi bamwe ari aba kure." 4Abigishwa biwe baramubaza bati: "Umuntu yokura hehe imitsima yo guhaza aba bantu, ko hano ari mu bugararwa?" 5Arababaza ati: "Mufise imitsima ingahe?" Na bo bati: "Ni indwi." " 6Abarira ishengero ngo ryicare hasi; yakira ya mitsima indwi, ayishimira Imana, arayimanyagura, ayihereza abigishwa biwe, ngo bayibagaburire; bayigaburira ishengero. 7Kandi bari bafise udufi duke; araduhezagira, avuga ko batubagaburira na two. 8Bararya, barahaga, begeranya utumanyagu tw'imisigazwa, twuzura ibiseke indwi. 9Bari nk'ibihumbi bine; arabasezera. 10Uwo mwanya atambukira mu bwato, bo n'abigishwa biwe, aja ahegereye i Dalamanuta. 11Haza Abafarisayo, batangura kumuhaririza, bamuronderako ikimenyetso kiva mw'ijuru, bamugeza. 12Aruhutsa umutima cane ati:" "Ni igiki gitumye abo iki gihe barondera ikimenyetso? Ndababwira ukuri abo iki gihe bakazohabwa ikimenyetso!" 13Abasiga hano, yongera gutambukira mu bwato, ajabuka hakurya. 14Kandi bari bibagiye gutekera imitsima, nta yo bari bafise mu bwato, atari irobe rimwe. 15Arabihanikiriza ati: "Mumenye, mwirinde umwambiro w'Abafarisayo n'umwambiro wa Herode." 16Baravugana bati: "Ntidufise imitsima." 17Yesu arabimenya, arababaza ati: "Ni igiki gitumye mwiburanya ngo nta mitsima mufise?" Ntimuraruha mubimenya canke mubitahura? Mbega mufise imitima ikomantaye? 18Amaso ko muyafise ntimuruha mubona? Mufise amatwi, ntimwumva, kandi ntimwibuka? 19Hamwe namanyagurira ya mitsima itanu ibihumbi bitanu, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyagu?" Baramwishura bati: "Ni icumi na bibiri." 20Kandi hamwe namanyagurira ya mitsima indwi ibihumbi bine, mwatororokanije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyagu? Baramwishura bati: "Ni indwi." 21Arababaza ati: "Ntimuraruha mubitahura?" 22Baraza bashika i Betsayida. Bamuzanira impumyi, baramwinginga ngo ayikoreko. 23Afata iyo mpumyi ukuboko, ayikura mu mihana, acira amate mu maso yayo, ayirambikako ibiganza, arayibaza ati: "Hari ico ubona?" 24Iraramura amaso, iramwishura iti: "Ndabona abantu kuko mbona ibisa n'ibiti bigendagenda." 25Yongera kurambika ibiganza ku maso yayo, iritegereza, irakira, yihweza vyose neza. 26Amurungika i we ati: "Ntuje no muri iyi mihana." 27Yesu avanayo n'abigishwa biwe, aja mu mihana y'i Kayisariya mu bwa Filipo. Bari mu nzira, abaza abigishwa biwe ati: "Abantu bagira ngo ndi nde?" 28Baramwishura bati: "Bagira ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya," " abandi ngo uri umwe mu bavugishwa n' Imana." 29Na we arababaza ati: "Ariko mweho mugira ngo ndi nde?" Petero aramwishura ati: "Uri Kristo." 30Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babwira ivyiwe. 31Atangura kubigisha ati: "Umwana w'umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bwinshi, no kuzokwankwa n'abashingantahe, abakuru b'abaherezi, abahinga b'ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka." 32Avuga iryo jambo ataguhishangiza. Petero aramwihererana, atangura kumwamira. 33Arahindukira, abona abigishwa biwe, akankamira Petero ati: "Herera inyuma yanje, Satani, kuko ivyo Imana atari vyo ubabaye, ariko ni ivyo abantu." 34Ahamagara ishengero bo n'abigishwa biwe, arababwira ati: "Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire; 35kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe kubwanje no ku bugingo bwo ubutumwa bwiza, azobukiza." 36Kandi umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw'isi vyose, abitangiye ubugingo bwiwe ko iciru? 37Mbega umuntu yotanga iki ngo acungure ubugingo bwiwe? 38Kuko umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje muri iki gihe c'ubusambanyi kandi c'ikinyavyaha, n'Umwana w'umuntu bizomutera isoni kumwemera, aho azozira afise ubwiza bwa Se, azananye n'abamarayika bera.

will be added

X\