MARIKO 7

1Abafarisayo bakoranira kuri we n'abahinga b'ivyanditswe bamwe bavuye i Yerusalemu. 2Babona abigishwa biwe bamwe barisha ivyo kurya intoke zihumanye, bisobanurwa ngo zidakaravye. 3Ariko Abafarisayo n'Abayuda bose, iyo batifyikinyuye mu gukaraba ntibarya, kuko bakurikiye imigenzo babwirijwe n'aba kera. 4Kandi bavuye mu kaguriro, iyo batimijagiye amazi ntibarya, kandi hariho ibindi vyinshi babwirijwe n'aba kera ngo bavyumireko, nko kwoza mu buryo bwinshi ibikombe, inzavya n'inkono zikozwe mu miringa. 5Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe baramubaza bati: "Ni igiki gitumye abigishwa bawe badakurikira ingeso twabwirijwe n'aba kera, bagapfa kurisha ivyo kurya intoke zihumanye?" 6Arabishura ati: "Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n'Imana kuri mwebwe indyarya, nk'uko handitswe, ngo aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Ariko imitima yabo iri kure yanje." 7Bansengera ubusa, Kuko inyigisho bigisha ari ivyagezwe n'abantu. 8Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwabwirijwe n'abantu. 9Kandi ati: "Nka ko mwagize neza gukengera icagezwe c'Imana, ngo muziririze iyo migenzo yanyu !" 10Kuko Mose yavuze ati: "Wubahe so na nyoko:" kandi ati: "Uwututse se canke nyina, ntazobure kwicwa." 11Ariko mweho mugira ngo umuntu ni yabwira se canke nyina ati: 'Ico nari kugufashisha ni Korubani, risobanurwa ngo Ni co nzoshikanira Imana;' 12ntimuba mukimukundira kugira ico yofasha se canke nyina; 13ijambo ry'Imana mukaritituza imigenzo yanyu mwigishije: kandi mukora n'ibindi vyinshi bene ivyo." 14Kandi yongera guhamagara ishengero, araribarira ati: "Munyumve mwese, mubitahure: 15nta kintu kiri inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, ariko ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya." [ 16Namba hari uwufise amatwi yumva, ni yumve. ] 17Yinjiye mu nzu asize ishengero hanze, abigishwa biwe bamusiguza uwo mugani. 18Na we arababaza ati: "Mbega namwe muri imburabwenge mutyo? Ntimutahura yuko ata kintu kiri inyuma iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, 19kuko kitagiye mu mutima wiwe, ariko kija mu nda, kigaca mu nzira yaco?" Ivyo yabivugiye guhumanura ivyo kurya vyose. 20Kandi aravuga ati: "Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya, 21kuko imbere mu mitima y'abantu havamwo ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, 22ubwivyi, ubwicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivyo isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubwibone, ubupfu. 23Ivyo bibi vyose biva imbere ni vyo bihumanya umuntu." 24Ava aho hantu, aja mu ntara yo muri Tiro n'i Sidoni. Yinjira mu nzu atagomba ko hogira umuntu abimenya, ariko ntiyashobora kuyoberana. 25Ariko uwo mwanya, umugore afise akigeme kinjiwemwo n'impwemu ihumanye, amwumvise, araza, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe. 26Uwo mugore yari Umugirikikazi, amamo yiwe n'i Sirofoyinike, aramwinginga ngo yirukane dayimoni mu mukobwa wiwe. 27Aramubwira ati: "Reka abana babanze guhaga, kuko atari vyiza kwakira umutsima w'abana ukawuterera utubwa." 28Na we Aramwishura ati: "Nka ko, Mugenzi, utubwa na two turi musi y'imeza twirira utuvunguka tw'abana." 29Aramubwira ati: "Ko uvuze utyo ni wigire, dayimoni avuye mu mukobwa wawe." 30Arigira, ashitse mu nzu yiwe asanga umwana aryamye ku buriri, dayimoni amuvuyemwo. 31Yongera kuva mu ntara yo muri Tiro, araza aca i Sidoni, ashika ku kiyaga c'i Galilaya, aciye hagati y'intara y'i Dekapoli. 32Bamuzanira igipfamatwi kidatobora neza, baramwinginga ngo akirambikeko ikiganza. 33Agikura mw'ishengero, aracihererana, agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi. 34Ararangamiza, araba mw'ijuru, yitsa umutima, arakibarira ati: "Efata," risobanurwa ngo " Zibuka." 35Amatwi yiwe arazibuka, inkingi z'ururimi rwiwe zirabohoka, avuga neza. 36Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babibarira, ariko iyo abihanikirije barushiriza gukwiza inkuru yiwe rwose. 37Baratangara cane, baravuga bati: "Akoze vyose neza, azibura n'ibipfamatwi, kandi avugisha ibiragi."

will be added

X\