MARIKO 6

1Avayo, aja mu ntara y'i wabo, abigishwa biwe baramukurikira. 2Isabato ishitse, aca yigishiriza mu rusengero rw'Abayuda. Benshi bamwumvise baratangara bati: "Ivyo vyose uwu yabikuye hehe?" Kandi n'ubwenge ki yahawe, n'ivyo bitangaza bingana bityo bikorwa n'amaboko yiwe ni ibiki? 3Mbega si wa mubaji, umwana wa Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose, Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza. 4Yesu arababwira ati: "Umuntu avugishwa n'Imana ntagawa ahandi, atari mu ntara y'i wabo, no mu muryango w'i wabo, no mu nzu y'i wabo." " 5Maze ntiyashobora gukorerayo igitangaza na kimwe, atari abarwaye bake yarambitseko ibiganza akabakiza. 6Atangazwa n'ukutizera kwabo. Agendagenda mu mihana ihakikije, yigisha." 7Ahamagara bamwe icumi na babiri, atangura kubatuma babiribabiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye. 8Ababuza ngo ntibagire ico bajana ku nzira, atari inkoni gusa ati: "Ntimujane induhuro canke isaho canke amahera mu mipfuko yanyu, 9ariko mwambare ibirato, kandi ntimwambare amapfundo abiri." 10Kandi arababwira ati: "Inzu yose muzokwinjiramwo, mube ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu." 11Ahantu hose aho bazokwanka kubakira ntibabumvirize, mukivayo muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona." 12Baragenda, bigisha ko abantu bakwiye kwihana. 13Basenda abadayimoni benshi, basiga amavuta abarwaye benshi, barakira. 14Umwami Herode aravyumva, kuko izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga ati: "Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we." 15Ariko abandi baravuga bati: "Ni Eliya;" abandi bati: "Ni umuntu avugishwa n'Imana, nka ba bandi bavugishwa na yo." 16Ariko Herode avyumvise, aravuga ati: "Yohana uwo naciye izosi ni we yazutse." 17Kuko Herode ubwiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw'ibohero, kubwa Herodiya mwene se umugore wa Filipo, kuko Herode yamucuye. 18Kandi Yohana yari yarabwiye Herode ati: "Ni ikizira ko ufise muka mwene so." 19Ni co catumye Herodiya amugirira akazika, agomba kumwica, ntiyaronka uburyo; 20kuko Herode yatinya Yohana, amuzi ko agororotse kandi ari umuntu yera, aramukingira; iyo amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva. 21Maze umusi uragera, uburyo buraboneka; wari umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n'abakuru b'intwazangabo z'abasoda, n'abapfasoni b'i Galilaya, ngo baze abatereke. 22Umukobwa wa Herodiya nyene arinjira aratamba, Herode n'abashitsi biwe baramushima. Umwami abwira uwo mukobwa ati: "Nsaba ico ugomba cose, ndakiguha." 23Aramurahira ati: "Ico unsaba cose ndakiguha, n'iyo coba igisate c'ubwami bwanje." 24Arasohoka, abaza nyina ati: "Nsabe iki?" Aramwishura ati: "Saba umutwe wa Yohana Umubatizi." 25Aca aza aho umwami ari ningoga, aramusaba ati: "Ndagomba ko umpa nonaha umutwe wa Yohana Umubatizi ku mubehe." " 26Umwami arababara cane, ariko kubwa za ndahiro ziwe, no ku bwo abasangira na we, bimunanira kuwumwima. 27Uwo mwanya umwami atuma uwucungera irembo, amubarira kuzana umutwe wa Yohana. Aragenda, amucira izosi mw'ibohero, 28azana umutwe wiwe ku kibehe, awuha wa mwigeme, na we awuha nyina. 29Abigishwa biwe bavyumvise baraza, bajana ikiziga ciwe, bagihamba mu cobo. 30Nuko za ntumwa zikoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n'ivyo zigishije. 31Arababwira ati:" "Ni muze mwebwe mwenyene ahiherereye mu gahinga, muruhuke gatoya." Kuko hari uruja n'uruza, babura n'ingene botamira utwo kurya. 32Bagenda mu bwato, baja ahantu h'agahinga kwihererayo. 33Bababona bagenda, benshi barabamenya, bava mu bisagara vyose, barirukanga, bajana inkokoro y'ikiyaga, babatangayo. 34Yesu avuye mu bwato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk'intama zitagira umwungere; atangura kubigisha vyinshi. 35Buriko burira, abigishwa biwe baramwegera bati: "Mbega hano hantu ko ari mu gahinga, bukaba buhaye burira; 36basezere, baje mu misozi no mu mihana impande zose, kwirondererayo ivyo kurya." 37Arabishura ati: "Mube ari mwebwe mubagaburira." Baramubaza bati: "Tugende tugure imitsima y'idenariyo amajana abiri, tuyibahe ga barye?" 38Na we arababaza ati: "Mufise imitsima ingahe?" Ni mugende muyirabe. Babimenye baramwishura bati: "Ni dutanu, n'udufi tubiri." 39Ababarira ko bose bicara ku vyatsi bibisi bari mu mirwi. 40Bicara imirongo imirongo, hamwe ijanijana ahandi mirongo itanitanu, batyo batyo. 41Yakira ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, araba mw'ijuru, arabihezagira, amanyagura iyo mitsima, ayiha abigishwa ngo bayishire imbere y'abantu, n'ifi zompi na zo arazibagaburira bose. 42Bararya bose barahaga. 43Begeranya utumanyagu tw'imitsima n'utw'ifi, twuzura ibiseke icumi na bibiri. 44Abariye iyo mitsima bari abagabo ibihumbi bitanu. 45Uwo mwanya Yesu agobera abigishwa biwe ngo batambukire mu bwato, batangure kujabuka hakurya i Betsayida, aheze gusezera rya shengero. 46Ahejeje gusezerana na bo avayo, aduga umusozi gusenga. 47Bwagorovye, bwa bwato bushitse mw'ibenga, ariko we yari i musozi wenyene. 48Abonye ko batamijwe no gusoza, kuko umuyaga wari ubaturutse imbere, ku muteramyi agira kane aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, yagira abarengane. 49Ariko babonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, bagira ngo ni igihume, bakoma induru y'ubwoba. 50Bose baramubona, basimbwa n'umutima. Ariko uwo mwanya arabavugisha ati: "Humura ni jewe, ni mureke gutinya." 51Aratambuka, aja mu bwato barimwo; umuyaga uraca. Barumirwa cane mu mitima yabo; 52kuko batatahuye ivya ya mitsima, ariko imitima yabo yari ikomantaye. 53Bamaze kujabuka hakurya, bagenda mu misozi mu ntara y'i Genesareti, bazirika ubwato ku nkombe. 54Bavuye mu bwato, abaho baca baramumenya. 55Birukanga impande zose muri ico gihugu cose, batangura guterura abarwaye mu nderuzo, babakwiragirana aho bamwumvise hose. 56Kandi aho yaja, mu mihana, mu bisagara canke mu misozi, bashira abarwaye mu tuguriro, bakamwinginga ngo bamukore naho hoba ku buyonga bw'impuzu yiwe gusa; abamukozeko bose bagakira.

will be added

X\