MARIKO 5

1Bafata hakurya y'ikiyaga mu gihugu c'Abageraseni. 2Avuye mu bwato, umuntu yinjiwemwo n'impwemu ihumanye ava mu masenga y'imva, aca aramusanganira. 3Yaba muri ayo masenga, ntihagira uwuba akibona ico ashobora kumubohesha, n'iyo woba umunyororo; 4kuko bamubohesheje iminyororo ku maguru no ku maboko kenshi, iyo amaboko akayicagagura, iyo amaguru akayivutagura. Ntihagira umuntu afise inkomezi zomustinda. 5Maze imisi yose ku murango no mw'ijoro yama muri ayo masenga no ku misozi, ataka, yikebesha amabuye. 6Abonye Yesu akiri kure, arirukanga, arunama, 7asemerera n'ijwi rirenga ati: "Duhuriye hehe ga Yesu Mwana w'Imana Isumbavyose? Ndakurahiye Imana, ntubabaze ushinyagurira." 8Kuko yari amubariye ati: "Va mu muntu, wa mpwemu ihumanye." 9Aramubaza ati: "Witwa nde?" Aramwishura ati: "Gitero ni ryo zina ryanje kuko turi benshi." 10Aramwinginga cane ngo ntazirukane muri ico gihugu. 11Kandi kuri uwo musozi hari ubusho bwinshi bw'ingurube zirisha; 12izo mpwemu mbi ziramwinginga ziti: "Turungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo." 13Arazemerera. Izo mpwemu zihumanye zimusokorotsemwo, zinjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembwe, zisuka mu kiyaga, zari nk'ibihumbi bibiri, amazi araziniga. 14Abaziragira barahunga, babivuga mu gisagara no mu misozi; na bo baza kuraba ibibaye ivyo ari vyo. 15Bashika aho Yesu ari, basanga uwari yinjiwemwo n'abadayimoni yicaye, yambaye, ubwenge bwagarutse, umwe nyene yari yinjiwemwo na ca gitero; baratinya. 16Ababibonye babadondera ivyo uwari yinjiwemwo n'abadayimoni n'ivyo ingurube. 17Batangura kwinginga Yesu ngo ave mu ntara yabo. 18Ariko aratambukira mu bwato, uwari yinjiwemwo n'abadayimoni aramwinginga ngo agume kuri we. 19Ntiyamukundira, ariko aramubarira ati: "Ja i muhira i wawe mu b'i wanyu, ubabarire ivyo Umwami Imana igukoreye vyose, kandi ingene ikugiriye ikigongwe." " 20Aragenda, atangura gukwiza i Dekapoli ivyo Yesu yamukoreye vyose, abantu bose baratangara. 21Nuko Yesu agenda mu bwato, asubira hakurya, ishengero ryinshi rikoranira kuri we; yari i ruhande y'ikiyaga. 22Haza umwe mu bakuru b'isengero ry'Abayuda, yitwa Yayiro, amubonye amwitembagaza imbere y'ibirenge, 23aramwinginga cane ati:" "Akana kanje k'agakobwa kari ku mpfiro, ndakwinginze, ni uze se, umurambikeko ibiganza, akire, abeho." 24Aragenda, ajana na we. Ishengero ryinshi riramukurikira rimubanda. 25Kandi umugore atakaza amaraso menshi yari abimaranye imyaka icumi n'ibiri, 26yababajwe cane n'abavuzi benshi bamumarisha ibintu vyiwe vyose abitangamwo ingemu, ntihagira ico bamumarira, mbere arushiriza kurwara; 27yumvise ivya Yesu, araza, aca hagati y'ishengero, amuturuka inyuma, akora ku mpuzu yiwe. 28Yari yibwiye ati: "N'iyo nokora ku mpuzu ziwe gusa, nokira." 29Uwo mwanya isoko y'amaraso irakama, amenya mu mubiri wiwe yuko akize ico cago. 30Ako kanya Yesu yumva muri we ubushobozi bumuvamwo, ahindukira abandana n'ishengero, arababaza ati: "Ni nde akoze ku mpuzu zanje?" 31Abigishwa biwe baramwishura bati: "Ubone abantu bariko barakubanda, nawe ukagira ngo ni nde ankozeko?" 32Aberaguzamwo amaso, ngo abone uwumukozeko. 33Uwo mugore aratinya, ahinda agashitsi, kuko azi ikimubayeko, araza amwikubita imbere, amubarira ivyo ukuri vyose. 34Yesu aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe." 35Akivuga, haza abavuye kwa wa mukuru w'isengero ry'Abayuda bati: "Wa mwana wawe aracikanye, uracagorera iki Umwigisha?" 36Ariko Yesu ntiyashira umutima kw'ijambo rivuzwe, abarira uwo mukuru w'isengero ry'Abayuda ati: "Ntutinye, wizere gusa." 37Ntiyakundira uwundi muntu kujana na we, atari Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo. 38Bashitse ku nzu y'uwo mukuru w'isengero ry'Abayuda, asanga bariko barakoma induru barira baboroga cane. 39Yinjiye arababaza ati: "Ni igiki gitumye mukoma induru murira? Umwana ntahwereye, ariko arasinziriye. 40Baramutwenga bamushimanga. Arabakumira bose, ajana se w'umwana na nyina n'abari kumwe na we, yigira haruguru aho ikiziga kiri, 41afata ukuboko kw'ikiziga, arakibarira ati: "Talisa kumi;" bisobanurwa ngo Gakobwa, ndakubariye nti: "Vyuka." 42Umukobwa aca avyuka uwo mwanya, aragendagenda, kuko yari amaze imyaka icumi n'ibiri avutse: baca baratangara cane. 43Arabihanikiriza cane, ngo ntihagire umuntu n'umwe abimenya, arababarira ngo bamugaburire.

will be added

X\