MARIKO 4

1Atangura ukundi gushasha kwigishiriza ku nkombe y'ikiyaga. Ishengero ryinshi cane rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bwato buri mu kiyaga, yicaramwo, ishengero ryose riguma ku nkombe y'ikiyaga. 2Abigisha vyinshi mu migani, ababwira muri ukwo kwigisha kwiwe 3ati: "Ni mwumve; umubivyi yasohoye imbuto. 4Akibiba, zimwe zigwa i ruhande y'inzira; inyoni ziraza, zirazinobagura. 5Izindi zigwa ku rutare, hatari ivu ryinshi; zica zimera vuba, kuko ata vu ryinshi ririho; 6izuba rirashe, ziraraba, kuko ata mizi zifise, ziruma. 7Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha, ntizama. 8Izindi zigwa mw'ivu ryiza, ziramera, zirakura, zihunda impeke, zimwe mirongo itatu, izindi mirongo itandatu, izindi ijana, bityobityo." 9Kandi ati: "Uri n'amatwi yumva, ni yumve." 10Biherereye, abari kumwe na we na bamwe icumi na babiri bamubaza iyo migani; 11arabishura ati: "Mwebwe mwahawe ibanga ry'ubwami bw'Imana, ariko abo hanze babarirwa vyose mu migani; 12ngo kuraba barabe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa." 13Kandi arababaza ati: "Ntimuzi uwo mugani? none imigani yose muzoyitahura mute? 14Umubivyi abiba ijambo ry'Imana. 15Abo i ruhande y'inzira, aho iryo jambo ribibwa, iyo bahejeje kwumva, Satani aca aza uwo mwanya, akabakuramwo iryo jambo ryabibwe muri bo. 16N' aba ni uko, ni bo babibwe ku rutare; iyo bumvise iryo jambo, baca baryakirana umunezero, 17ntibagire imizi muri bo, ariko bahagarara umwanya muto, maze iyo badutsweko n'amarushwa bo n'akadenderezo bazira iryo jambo, bica bibagwisha. 18Abandi ni bo babibwe mu mahwa, abo ni bo bumva iryo jambo, 19maze umwitwaririko w'ivyo isi n'uruhendo rw'ubutunzi no kwifuza ibindi, iyo bibinjiyemwo, binyoha iryo jambo, rikaba imbuto. 20Ababibwe mw'ivu ryiza, abo ni bo bumva iryo jambo bakaryemera, bagahunda impeke, umwe mirongo itatu, uwundi mirongo itandatu, uwundi ijana, bityobityo. 21Kandi arababaza ati: "Mbega itara rizanwa ngo baryubikeko igiseke canke barishire mu rutara, ntirishirwa ku gitereko caryo? 22Kuko ata canyegejwe kitazoserurwa, canke icagizwe ibanga kitazoja ahabona. 23Uwuri n'amatwi yumva, ni yumve." 24Kandi arababarira ati: "Mwiyubare mu vyo mwumva. Ingero mugeramwo ni yo muzogererwamwo, kandi muzorengerezwa; 25kuko uwufise azohabwa, ariko uwudafise azokwakwa n'ico yari asanzwe afise." 26Yongera kubabwira ati: "Ubwami bw'Imana busa n'umuntu yabivye imbuto mw'ivu, 27bwije agasinzira, bugaca akavyuka, imbuto zikamera, zigakura, atazi ingene zakuze. 28Ivu rimeza ryonyene, habanza kuba ibironge, hanyuma hakaba imiyange, hanyuma hakaba imishi itengengeye impeke. 29Maze imirima yeze, aca ayitemesha umuhoro, kuko igihe c'ishwabura kigeze." 30Kandi arababaza ati: "Ubwami bw'Imana tubushushanye ni iki? Canke tubusobanurishe umugani ki? 31Busa n'akabuto k'igiti, iyo gatewe mw'ivu, naho ari kanzinya hanyuma y'imbuto zose ziri mw'isi; 32ariko iyo gatewe, karakura, kakaba kanini, kakaruta ibirimwa vyose, kagashamika amashami manini, kandi inyoni zo mu kirere zishobora kwarika ivyari mu gitutu cako." 33Kandi ababwira ijambo ry'Imana mu migani myinshi imwe n'iyo, uko bashobora kwumva. 34Kandi atabaciriye umugani nta co yababwira, ariko yihereranye n'abigishwa biwe akabibasobanurira vyose. 35Kuri uwo musi bugorovye, arababwira ati: "Tujabuke tuje hakurya." 36Basiga abantu hano, bamujana mu bwato yahozemwo, kandi ayandi mato yari kumwe na bo. 37Nuko haza inkubi ikomeye y'umuyaga, imipfunda yisuka mu bwato, bwariko buruzura. 38Ariko we yari aryamye mu mutwe w'inyuma, yiseguye umusego yisinziriye. Baramukangura, baramubaza bati: "Mwigisha, ntubabaye ko turiko turapfa?" 39Arikangura, azibiza ingunza, abarira ikiyaga ati: "Hora, utekereze." Umuyaga uraca, haba agahwekere rwose. 40Arababaza ati: "Ni igiki kibateye ubwoba? Ntimurizera?" 41Baratinya, bagira ubwoba bwinshi, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, umuyaga n'ikiyaga ko bimwumvira?"

will be added

X\