MARIKO 3

1Yongera kwinjira mu rusengero rw'Abayuda; kandi hari umuntu anyunyutse ukuboko; 2baramugenza ngo barabe ko amukiza kw'isabato, ngo bamurege. 3Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati: "Va hasi, uhagarare hagati." 4Arababaza ati: "Mbega ivyemerwa ni ugukora ivyiza kw'isabato canke ni ugukora ibibi? Gukiza umuntu canke kumwica?" " Barihorera. 5Aberaguzamwo amaso, aratse, ababazwa n'uko imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu ku gorora ukuboko kwiwe. Arakugorora, kurakira. 6Abafarisayo barasohoka, baja hamwe n'abantu ba Herode baca bamugira inama ngo babone ingene bomwica. 7Maze Yesu n'abigishwa biwe bavayo, baja ku kiyaga. Ishengero ryinshi riramukurikira, bavuye i Galilaya, i Yudaya, 8i Yerusalemu, muri Idumaya, hakurya ya Yorodani, abahereranye, no muri Tiro n'i Sidoni, ishengero ryinshi ryumvise ivyo yakoze riza kuri we." 9Abarira abigishwa biwe ngo bagumishe ubwato butoya hafi ku bwo ishengero, ngo ntirimubande. 10Kuko yakijije benshi, ni co catumye abari bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko. 11Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera ziti: "Uri Umwana w'Imana." " 12Arazihanikiriza cane, ngo ntizigende ziramwandagaza. 13Maze aduga umusozi muremure, ahamagara abo agomba, baza kuri we. 14Atoranya icumi na babiri bo kubana na we, maze ngo abatume kwigisha, 15no kugira ububasha bwo kwirukana abadayimoni. 16Nuko atoranya aba icumi na babiri: Simoni, amwita Petero; 17atoranya Yakobo umwana wa Zebedayo na Yohana mwene nyina wa Yakobo, na bo abita Bowanerige, risobanurwa ngo abana b'inkuba; 18atoranya Andereya, Filipo, Barutolomayo, Matayo, Toma, Yakobo umwana wa Alufayo, Tadayo, Simoni Umunyakananayo 19na Yuda Isikaryota, ni we yamuguze. 20Hanyuma Yesu aja mu nzu, ishengero ryongera gukoranira kuri we, bituma babura ingene botamira n'agatsima. 21Abo i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bagira ngo Yasaze. 22Kandi abahinga b'ivyanditswe bavuye i Yerusalemu baravuga bati:" "Arimwo Beyezebuli:" kandi bati: "Umukuru w'abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni." 23Arabahamagara, abacira umugani ati: "Satani yoshobora ate kwirukana Satani?" 24Ubwami iyo bwitandukanije ubwabwo, ubwo bwami ntibushobora kurama. 25Inzu ni yitandukanya ubwayo, iyo nzu ntizoshobora kurama. 26Kandi Satani, namba yihagurukiye, akitandukanya, ntashobora guhangama, arahera. 27Kandi nta muntu yoshobora kwinjira mu nzu y'umuntu w'inkomezi kumusahura ibintu, atabanje kuboha wa munyenkomezi, maze akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. 28Ndababwire ukuri, abana b'abantu bazoharirwa ivyaha vyabo vyose n'ibityozano vyose bazotyoza, 29ariko umuntu wese azotyoza Mpwemu Yera nta ho azoharirwa, kandi azoba akoze icaha c'ibihe bidashira. 30Icatumye avuga atyo ni uko bavuze ngo arimwo impwemu ihumanye. 31Maze nyina n'abavukanyi biwe baraza, batuma kumuhamagara, bahagaze hanze. 32Ishengero ryari ryicaye rimukikije; maze baramubwira bati: "Erega umuvyeyi wawe na barumuna bawe bari hanze, barakurondera." 33Na we arababaza ati: "Mama ni nde, canke bene mama ni ba nde?" 34Yeraguza amaso abari bicaye impande zose bamukikije ati: "Ngaba mama na bene mama; 35umuntu wese akora ivyo Imana igomba ni we murumunanje, ni we mushikanje, ni we mama."

will be added

X\