MARIKO 2

1Hashize imisi, asubira i Kaperinawumu, bimenyekana ko ari mu nzu. 2Benshi bakoraniraho, ntibakwirwa mu nzu, eka n'imbere y'umuryango hose; ababwira ijambo ry'Imana. 3Haza abazanye ikimuga, bagiteruye ari bane. 4Babuze ingene bamushikira ku bwo ishengero, basambura inzu hejuru y'aho atumbereye; bahejeje kuhatobora, bururukirizamwo inderuzo, iryamyemwo ico kimuga. 5Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati:" "Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe." 6Ariko hariho abahinga b'ivyanditswe bamwe bicayeho, biburanya mu mitima 7bati: "Ni igiki gitumye uwo avuga atyo? Aratyojeje, ni nde ashobora guharira ivyaha, atari umwe, ni we Mana?" 8Yesu amenye mu mutima wiwe yuko biburanya muri bo batyo, aca arababaza ati: "Ni igiki gitumye mwiburanya ivyo mu mitima yanyu?" 9Icoroshe ni ikihe, ni ukubarira ikimuga nti: "Uhariwe ivyaha vyawe; canke ni ukukibarira nti: ' Vyuka, wikorere inderuzo yawe, ugende?'" 10Ariko kugira ngo mumenye ko Umwana w'umuntu afise ububasha mw'isi bwo guharira ivyaha-abwira ikimuga 11ati: "Ndakubariye nti: ' Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.'" 12Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose. Nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana bati: "Ntitwaribwabone bene ibi." 13Arasohoka, yongera kuja i ruhande y'ikiyaga; ishengero ryose riza kuri we, arabigisha. 14Nuko ariko aragenda abona Lewi umwana wa Alufayo, yicaye aho yatoreza ikori, aramubarira ati: "Nkurikira." Ava hasi, aramukurikira. 15Kandi yicaye mu nzu y'uwo, ariko ararya, haza benshi mu batozakori n'abanyavyaha basangira na Yesu n'abigishwa biwe; bari benshi, kandi baramukurikira. 16Abahinga b'ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n'abanyavyaha n'abatozakori babwira abigishwa biwe bati: "Mbega ko asangira n'abatozakori n'abanyavyaha!" 17Yesu avyumvise, arababwira ati: "Abakomeye nta co bagombera umuvuzi, atari abarwaye. Sinaje guhamagara abagororotsi, atari abanyavyaha." 18Kandi abigishwa ba Yohana bo n'Abafarisayo bari bisonzesheje. Baraza, baramubaza bati: "Ni igiki gituma abigishwa ba Yohana n'abigishwa b'Abafarisayo bisonzesha, abigishwa bawe ntibisonzeshe?" 19Yesu arababaza ati: "Mbega abatowe bokwisonzesha bate, bakiri kumwe n'umukwe? Umukwe akiri kumwe na bo ntibashobora kwisonzesha. 20Hari imisi izoza, umukwe akurwe muri bo, bazoca bisonzesha uwo musi. 21Nta wobarira ikiraka c'igitambara gishasha ku mpuzu y'umushire; kuko ico kiremo coyitabura, igisha kikavana n'umushire, ikarushiriza gutabuka. 22Kandi nta wotara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato ibombotse; kuko umuvinyu woturitsa iyo mikuza, umuvinyu n'imikuza bigapfana. Ariko umutobe w'umuvinyu bawutara mu mikuza mishasha." 23Kandi kw'isabato, agenda aca mu mirima y'ingano; abigishwa biwe bakigenda batangura kumyoza ingano. 24Abafarisayo baramubaza bati: "Ni igiki gitumye bakora ikizira gukorwa kw'isabato?" 25Na we arababaza ati: "Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yari aburaniwe ashonje, bo n'abari kumwe na we?" 26Ingene yinjiye mu nzu y'Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima yagenewe gushikanirwa Imana, ari umuziro kuribwa, ukuye abaherezi, akayihako n'abari kumwe na we?" 27Kandi arababwira ati: "Isabato yabayeho ku bwo umuntu, ariko umuntu si we yabayeho ku bwo isabato. 28Ni co gituma Umwana w'umuntu ari umwami w'isabato na yo."

will be added

X\