MARIKO 16

1Maze isabato ishize, Mariya Magadalene, Mariya nyina wa Yakobo na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusiga. 2Kandi mu mutwenzi ku wa mbere w'imisi indwi barazinduka, bashika ku mva izuba rirashe. 3Barabazanya bati: "Ni nde yodutembagariza ikibuye co ku munwa w'imva?" 4Maze bunamuye amaso babona ca kibuye catembagajwe cavuyeho, kandi cari kinini cane. 5Maze binjiye mu mva, babona umusore yicaye mu ruhande rw'i buryo, yambaye imvune yera, barumirwa cane. 6Arababwira ati: "Nta co mwumirwa, ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambwa; none yazutse, ntari hano; ehe, raba aho bari bamushize !" 7Ariko ni mugende mubwire abigishwa biwe na Petero muti: "Arabitangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera, nk'uko yababwiye." " 8Bava mu mva, barahunga, kuko bari bafashwe n'ubwoba bwinshi n'akumiza, maze ntibagira ico babwira umuntu n'umwe, kuko batinye. ] 9Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w'imisi indwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemwo abadayimoni indwi. 10Uwo aragenda, abibarira ababana na we, asanga bababaye barira. 11Na bo bumvise ko ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibavyemera. 12Hanyuma y'ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi. 13Na bo nyene baragenda, babibwira abasigaye, maze ntibabemerera na bo. 14Hanyuma yiyereka bamwe icumi n'umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw'imitima yabo, kuko batemereye abamubonye, amaze kuzuka. 15Arababarira ati:" "Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza. 16Uwizera akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azotsindwa n'urubanza. 17Kandi ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera ni ibi: bazosenda abadayimoni mw'izina ryanje; bazovuga indimi nshasha; 18bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire." 19Kandi Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, aduzwa mw'ijuru, avyagira i buryo bw'Imana. 20Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amina. ]

will be added

X\